IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzania: Ikigo co kumenyesha amakuru TBC ryahagaritse abakozi 9 mu (...)

Tanzania: Ikigo co kumenyesha amakuru TBC ryahagaritse abakozi 9 mu kazi

jeudi 16 Ntwarante 2017

Ikigo c’igihugu kijejwe kumenyesha amakuru mu gihugu ca Tanzania, "Tanzania Broadcast Corporation" (TBC) cahagaritse mu mabanga abakozi icenda baco kibagiriza kuba baravugishije amakuru atariyo yerekeye umukuru w’igihugu.

Ikigo "Tanzania Broadcast Corporation" (TBC) cagirije abakozi 9 ko bavugije amakuru atariyo, aho umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump ahayagiza umukuru w’igihugu ca Tanzania John Magufuli.

Iyo nkuru yasohowe mu ndwi iheze, imenyesha ko Donald Trump yasavye abandi bakuru b’ibihugu ba Afrika gukurikiza akarorero ka Bwana Magufuli mu kugwanya abarya ibiturire kandi ko yamwise incungu ya Afrika.

Umukuru wa "Tanzania Broadcast Corporation" (TBC) Ayub Chacha yasavye imbabazi, avuga ko iryo kosa ritari gushika iyo amategeko yo gutunganya inkuru akurikizwa.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.