Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya: Abakobwa bavyaye bankiwe kubandanya amashuri
 Tanzaniya: Abakobwa bavyaye bankiwe kubandanya amashuri
 Tanzaniya: Abakobwa bavyaye bankiwe kubandanya amashuri
				
				vendredi 23 Ruheshi 2017
Umukuru w’igihugu John Magufuli yabishikirije mu gihe hariko haba igikorane mu gisagara ca Chalinze,hafi y’umurwa mukuru Dar-es-Salaam.
Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yavuze ko umugabo azoba yateye inda uwo mukobwa nawe azohanwa,gushika ku gihano co gupfungwa imyaka 30,kugira , inguvu yakoresheje gutera iyo nda uwo mukobwa akazikoresha arima mw’ibohero.
John Magufuli yasavye amashirahamwe kwugurura amashuri y’abakobwa bavyaye, ariko ab banyeshuri ntibasubire mu mashuri ya Reta,kuko muri Reta hoho bigisha ku buntu abahisemwo kuja kwiga.
Human Rights Watch ivuga ko,mu gihugu ca Tanzaniya, nimiburiburi abana b’abakobwa 8000 nibo baheba amashuri ku mwaka ku mwaka, kubera ugutwara inda.
MUGISHA Van Naris

Messages
23 Ruheshi 2017, 13:41, par chacha
iryo tegeko riraremereye nk’amabuye kweri.nabareke bige ayo n’amajambere.
25 Ruheshi 2017, 19:53, par André Nibikora
Turashimye kandi turashigikiye ingingo umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yavuze ko abakobwa bavyaye bakwiye kwiga mu mashure y’abikorera utwabo kugira ntibigishe abandi ingeso mbi.