IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Abantu 7 bagirizwa gutunganya imyiyerekano bafashwe

Tanzaniya : Abantu 7 bagirizwa gutunganya imyiyerekano bafashwe

mercredi 25 avril 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko icegera c’umukuru w’igiporisi i Arusha , Yusuph Ilembo yamenyesheje ko abatawe muri yompi bafashwe inyuma y’amatohoza yakozwe n’abajejwe umutekano.

Naho abafashwe bataramenyekana, abaribo ayo makuru abandanya avuga ko bamwe muri abo ari abanyeshure ba kaminuza.

Yusuph Ilembo yavuze ati :’’Reta ntizorera amaboko,iyi myiyerekano ntiyemewe n’amategeko ntituzokwemera gukinishwa n’abantu bari k’urushi bashaka guhungabanya amahoro y’igihugu.’’

Umutanzaniyakazi Mange Kimambi asanzwe aharanira agateka akorera ku mbuga ngurukanabumenyi yasavye ko hokorwa imyiyerekano yo kwiyamiriza Reta mu gihugu cose kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza ,yasiguye ko hibonekeza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’igabanuka ry’umwidegemvyo mubijanye na poritike.

Reta ya Tanzaniya yamenyesheje ko iyo myiyerekano niyo yatunganywa izoba idakurikije amategeko.

Ayo makuru dukesha BBC, avuga ko umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli yavuze ko ingingo zikomeye zizofatwa ku bantu bazokwitaba iyo myiyerekano.

Igenekerezo rya 26 Ndamukiza iyo myiyerekano itegekanywa gukorwa n’igenekerezo aho igihugu cama cibuka buri mwaka ukwiyunga kw’igihugu ca Tanganyika n’igihugu ca Zanzibar,uyu mwaka hazoba haheze imyaka 54 ivyo bihugu bigiye hamwe bikaba igihugu arico Tanzaniya.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.