IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya:Umukuru w’igihugu yahojeje abanyatanzaniya inyuma y’urupfu (...)

Tanzaniya:Umukuru w’igihugu yahojeje abanyatanzaniya inyuma y’urupfu rw’abasirikare 14

dimanche 10 décembre 2017

Mu butumwa yacishije kuri Twitter yiwe kur’uyu wa Gatandatu, John Pombe Magufuli yavuze ati : “Nakiriye inkuru y’incamugongo y’urupfu rw’abasirikare bacu cumi na bane na mirongo ine na bane bakomeretse mu gihe abandi babiri ata makuru yabo araboneka, muri Kongo igihe bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro.”

Ndahojeje abasirikare ba Tanzaniya n’imiryango yagize ivyago. Mu gihe tukirindiriye amakuru ava mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ndasavye abanyatanzaniya ngo tube turihanganye, Imana yacu iri kumwe natwe.”

Naho ubwa mbere hari hamenyeshejwe ko abasirikare bishwe ari 14, mu nyuma hasohotse ibindi vyemeza ko ari 15 kandi bose bava mu gihugu ca Tanzaniya.

Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ,António Guterres, yavuze ko ico gitero arico gihitanye ubuzima bw’abasirikare benshi b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU , mu myaka 24 iheze.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.