Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya:Umukuru w’igihugu yahojeje abanyatanzaniya inyuma y’urupfu (...)
Tanzaniya:Umukuru w’igihugu yahojeje abanyatanzaniya inyuma y’urupfu rw’abasirikare 14
dimanche 10 décembre 2017
Mu butumwa yacishije kuri Twitter yiwe kur’uyu wa Gatandatu, John Pombe Magufuli yavuze ati : “Nakiriye inkuru y’incamugongo y’urupfu rw’abasirikare bacu cumi na bane na mirongo ine na bane bakomeretse mu gihe abandi babiri ata makuru yabo araboneka, muri Kongo igihe bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro.”
“Ndahojeje abasirikare ba Tanzaniya n’imiryango yagize ivyago. Mu gihe tukirindiriye amakuru ava mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ndasavye abanyatanzaniya ngo tube turihanganye, Imana yacu iri kumwe natwe.”
Naho ubwa mbere hari hamenyeshejwe ko abasirikare bishwe ari 14, mu nyuma hasohotse ibindi vyemeza ko ari 15 kandi bose bava mu gihugu ca Tanzaniya.
Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ,António Guterres, yavuze ko ico gitero arico gihitanye ubuzima bw’abasirikare benshi b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU , mu myaka 24 iheze.
MUGISHA Van Naris