Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Umushingamateka atavuga rumwe na Reta yahagaritswe
 Tanzaniya : Umushingamateka atavuga rumwe na Reta yahagaritswe
 Tanzaniya : Umushingamateka atavuga rumwe na Reta yahagaritswe
				
				mardi 31 octobre 2017
Amakuru ava mu gihugu ca Tanzaniya amenyesha ko Zito Kabwe yagirizwa kuba yaravuze amajambo ashobora gutuma abanyagihugu bagumuka,igihe yagirisha ikoraniro mu gisagara ca Dar-Es-Salaam.
Umushingwamaza Stephen Ally Mwakibolwa avuga ko uwo yunganira mu mategeko atari bwagirizwe k’umugaragaro, ariko yabajijwe ibibazo bitari bike.
Zito Kabwe asanzwe ari mu nama nshingamateka akaba kandi arongoye umugambwe Wazalendo uharanira ko haba ibihinduka mu gihugu n’ibintu bigakorwa mu muco.
Haraheze iminsi amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yagirije Reta ya Tanzaniya ko ihonyanga uburenganzira bwo kwishira no kwizana kw’abanyaporitike.
MUGISHA Van Naris
