IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya: Umushingamateka atavuga rumwe na Reta yahagaritswe

Tanzaniya: Umushingamateka atavuga rumwe na Reta yahagaritswe

jeudi 24 Myandagaro 2017

Tundu Lissu, umunywanyi w’umugambwe Chadema akaba n’umukuru w’abashingwamanza mu gihugu ca Tanzaniya, yahagaritswe kuwa kabiri igenekerezo rya 22 Myandagaro 2017, kubera yashize ahabona inkuru y’indege yaguzwe na Tanzaniya ifatirwa mu gihugu ca Canada.

Umuvugizi w’umugambwe Chadema aremeza amakuru y’ifatwa ry’umushingamateka Tundu Lissu, akemeza ko iryo fatwa rijanye n’indege yafashwe na Canada mu ntumbero yo kwishuza amadorare imiriyoni 38 z’abanyamerika.

JPEG - 469.8 ko
Umushingamateka Tundu Lissu

Mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi mu gihugu ca Tanzaniya bavuga ko iyo ndege yatumye umushingamateka Tundu Lissu apfungwa, yafashwe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo ya sentare yo mu mwaka wa 2010, mu rubanza rwatsinzwe n’ishirahamwe Canadian Stirling Engineering Limited.

Kuva umwaka utangura, umushingamateka Tundu Lissu ahagaritswe ku ncuro ya gatandatu kubera ayandi madosiye afise mu butungane.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.