Accueil > Amakuru > Ubutungane > Tharcisse GAHUNGU arongoye COSYBU ari mu minwe y’igipolisi
 Tharcisse GAHUNGU arongoye COSYBU ari mu minwe y’igipolisi
 Tharcisse GAHUNGU arongoye COSYBU ari mu minwe y’igipolisi
				
				vendredi 30 Kigarama 2016
Umukuru w’urunani rw’amasendika mu Burundi COSYBU Tharcisse Gahungu ari mu minwe y’igipolisi kuva kuwa gatatu igenekerezo rya 28 Kigarama 2016.Yafashwe yagirizwa kuba yariko agirisha inama idaciye mu mategeko.
Tharcisse Gahungu arongoye COSYBU yafatiwe muri zone Ijenda, Komine Mugongo-Manga , mu ntara ya Bujumbura,ari kumwe n’abandi harimwo umukuru wa sendika y’abakozi ba SODECO na COGERCO, n’umufashabikorwa wabo .
Umukuru w’urunani rw’amasendika COSYBU yahagaritswe ku rwandiko rwateweko umukono n’umuyobozi mukuru w’ihinguriro ry’icayi OTB jacques Bigirimana,aho yasaba ubushikiranganji bw’umutekano gufata ingingo zose zishoboka kugirango babuze inama yahuza abarimyi b’icayi n’abayobozi ba COSYBU.
Icegera c’uwurongoye COSYBU Celestin Nsavyimana aranegura ingene bagenzi we bahagaritswe kandi ku bwiwe bariko bakora inama yemewe n’amategako,kuko inama z’amasendika ari inama ziba zizwi kandi zirekuwe n’amategako.
Mu gipolisi c’Uburundi babicishije ku cegera c’umuvugizi waco Moise Nkurunziza bamenyesha ko abo bahagaritswe bapfungiwe mu biro bikuru vy’igendereza ku mvo z’amatohoza.
IGIHE

Messages
5 Nzero 2017, 01:43, par Ntakirutimana AL Joel
Hani wacu ntakubahana kubaho, usanga umutegetsi atubaha mugenziwe! nibara nibihangane bazorekurwa nibicwa naho nico Imana izoba yarabandiye.