IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > "Twari kwipfuza ahubwo ko n’abatarashira umukono kuri ayo masezerano (...)

"Twari kwipfuza ahubwo ko n’abatarashira umukono kuri ayo masezerano bonyaruka"

vendredi 2 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Alphonse Polisi, umuyobozi ajejwe ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe mu kigo OBPE (Office Burundais de Protection de l’Environnement) avuga ko bitari bikwiye ko umukuru w’igihugu Donald TRUMP akura igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika mu masezerano y’i Paris, kuko vyari kuba vyiza ahubwo ibihugu vyose bikoreye hamwe kuko iyo ibihugu biri hamwe bigira inguvu gusumba iyo igihugu cose gikoze ukwaco.

Umuyobozi ajejwe ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe muri OBPE yibutsa ko imbere y’uko ayo masezerano ashikwako, ibihugu vyose vyayemeje vyabonye ko bikenewe ko vyokorera hamwe kuko ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe ari ikibazo c’ubuzima n’ukubaho kwa minsi yose. Ivyo bihugu vyumvikanye kugabanya umurindi w’iduga ry’ubushuhe, bashiraho ingingo zibiri zijanye n’ibikorwa bijanye n’ukugabanya ivyuka hamwe n’ibikorwa bijanye n’uguhangana n’ingaruka mbi z’ihindagurika ry’ibihe.

"Twari kwipfuza ahubwo ko nyabuna n’abatarashira umukono kuri ayo masezerano ko bonyaruka kugira ibihugu bigire inguvu, hanyuma turabe ko dushobora guhangana n’ihindagurika ry’ibihe riteye ingorane nyinshi kw’isi.", uko niko Alphonse Polisi yabwiye ikinyamakuru IGIHE.

JPEG - 49.1 ko
Alphonse Polisi, Umuyobozi ajejwe ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe mu kigo c’igihugu c’Uburundi kijejwe gukingira ibidukikije (OBPE)

Polisi Alphonse asaba ko mu biganiro bigiye kuba ku bijanye n’iyo ngingo ya Amerika y’ukwikura muri ayo masezerano, umwumvikano woboneka kugira ibihugu vyose bije hamwe mu kurwanya ihindagurika ry’ibihe.

Amasezerano y’i Paris ku vyerekeye ihindagurika ry’ibihe avuga ko ibihugu biri mu nzira y’amajambere bishigikirwa kugira bishobore guhangana n’ihindagurika ry’ibihe, ibihugu vyateye imbere navyo bikegeranya uburyo bukoreshwa mu migambi hamwe n’ibikorwa vy’uguhangana n’ihindagurika ry’ibihe. Ubwo buryo bugatangwa n’ibihugu biteye imbere bisanzwe mbere arivyo birungika ivyuka vyinshi mu kirere.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.