IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ubumwe bwa Buraya bwagumye mu masezerano y’i Paris

Ubumwe bwa Buraya bwagumye mu masezerano y’i Paris

vendredi 2 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Ivyo yabivugiye mu nama i Buruseli ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa, Li Keqiang, inyuma y’umunsi umwe Prezida Trump amenyesheje ko Amerika ivuye mu masezerano yo mu 2015.

Nk’uko vyanditswe na BBC, Juncker yavuze ko Ubushinwa n’ubumwe bwa buraya bakorana kugira isi igere aho ikoresha amasoko ntanganguvu atonona ibidukikije, kandi ko bitazosubira inyuma mu gihe bizana ivyashara, bigakwega abanyamitahe n’abashakashatsi.

Ivyo bihangange ukwo ari bibiri vyiyemeje kubungabunga ayo masezerano, co kimwe n’igihugu c’Uburusiya.

Ibihugu vy’Ubudagi, Ubufaransa hamwe n’Ubutaliyano vyiyamirije ivyo Donald Trump asaba vyo gusubiramwo amasezerano.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yavuze ko ingingo ya Trump y’ugukura Amerika muri ayo masezerano iciye amakungu inkokora.

Amasezerano ya Paris asaba Amerika n’ibindi bihugu 187 kugerageza kugira ubushuhe ntibwiyongere ku bipimo bibiri vya Celsius, aho bizoshoboka ntiburenze igipimo kimwe n’igice.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.