IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Umushikiranganji w’ibidukikije asaba abamenyeshamakuru gukorana n’ikigo (...)

Umushikiranganji w’ibidukikije asaba abamenyeshamakuru gukorana n’ikigo IGEBU

jeudi 21 Nyakanga 2017

Yugurura uruganda rwo gutanga amakuru ku bijanye n’ikirere mu kiringo c’Uburimyi c’agatasi, kuva mu kwezi kwa Nyakanga gushika muri Kigarama, umushikiranganji Celestin NDAYIZEYE yamenyesheje ko ihindagurika ry’ikirere ritakiri ibanga mu Burundi kuko hari ibimaze kuba vyerekana ko Uburundi nabwo bumaze gushikirwa n’ingaruka z’ihindagurika ry’ikirere.

Celestin NDAYIZEYE amenyesha ko Reta y’Uburundi yamaze gushiraho intumbero yo gukinga ibiza bafashijwe n’abafasha muri uwo mugambi wo gukinga impanuka zivuye kw’ihindagurika ry’ikirere.

Umushikiranganji w’ibidukikije, amazi no gutunganya ibisagara avuga ko kumenya uko ibirere bihindagurika ari intambwe nziza kuko bifasha abari mu bisata bitandukanye na cane cane abakorera mu gisata c’ibidukikije kumenya uko bigenza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.