IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Uruzi rwa Ntahangwa rurabangamiye ishure rya Nyakabiga ya 3

Uruzi rwa Ntahangwa rurabangamiye ishure rya Nyakabiga ya 3

lundi 6 Ndamukiza 2015

Uruzi rwa Ntahangwa rurabandanya kwiyagurira inkombe zarwo, ibitera ubwoba ababa muri iyo komine, mbere bakabona ko ivyabo bishobora n’ukuhasigara.

Inkombe z’urwo ruzi rwa Ntahangwa rero ziguma ziyagura, zikaba zigeze aho zishobora n’ukubomora ishuro rya Nyakabiga ya gatatu, risanzwe rishigikiwe n’ishengero rya Pentekoti. Kugeza ubu ico kibazo c’izo nkombe z’urwo ruzi, kiramaze n’ukumenyekana mu biro vy’umukuru w’igihugu, ari naco gituma hasabwa ko ibikorwa vy’urwo ruzi vyokorwa mu ntumbero yo gukinga ibara ritaragwa, nk’uko bivugwa na Salvator Mpangaje asanzwe arongoye Nyakabiga ya 3, akaba anarongoye komite ikingira urwo ruzi rwa Ntahangwa.

Kugeza ubu rero, amashure abiri ya Nyakabiga ya 3 aja yaramaze kwugarwa, ku bwoba ko yohava ahitana ubuzima bw’abana bahiga n’abarezi babo. Umukuru wa Nyakabiga ya gatatu, akaba yemeza ko igituma urwo ruzi ruguma rwiyagurira inkombe mu gushaka kubomora amwe mu mazu n’inyubakwa zindi zitandukanye, ari abaguma bimbamwo imusenyi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.