Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Abashingamateka bemeje ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro
 Ubuganda : Abashingamateka bemeje ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro
 Ubuganda : Abashingamateka bemeje ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro
				
				jeudi 21 décembre 2017
Naho vyatwaye iminsi itatu kugra impari zihagarare hagati y’abashingamateka, bahavuye bemeza ku bwinshi itegeko ryemerera umukuru w’igihugu kukirongora naho yoba arengeje imyaka 75.
Inyuma y’iyemezwa y’iryo tegeko,umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta Museveni amaze gutwara imyaka irenga 30, ashobora kwitoza mu mwaka wa 2021, kugira atware igihugu mu myaka indwi.
Ubu abashigikiye Yoweri Kaguta Museveni afise imyaka 73, bavuga ko igishobora kumukura ku butegetsi conyene, ari amatora.
Mu kwerekana akababaro,abashingamateka bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi baciye basohoka ahakorera inama nshingamateka, batandatu muri bob aca barahagarikwa n’igiporisi.
MUGISHA Van Naris
