IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Igiporisi kivuga ko cafashe uwukekwa gukubira umuririmvyi (...)

Ubuganda : Igiporisi kivuga ko cafashe uwukekwa gukubira umuririmvyi Radio

lundi 5 février 2018

Moses Ssekibogo "Radio" yakubiswe mw’ijoro ryo ku wa mbere, igenekerezo rya 22 Nzero 2018 igihe yari ari mu bunywero bwitwa De Bar buri mu gace ka Entebbe , aca yitaba Imana,mu gitondo co kuwa kane igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018 muri Case Hospital aho yari amaze iminsi avurirwa.

Igiporisi mu gisagara ca Kampala kibicishije kuri Twitter, mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2018, cavuze abajejwe umutekano bakorera ahitwa Katwe bamaze guta muri yompi Godfrey Wamala yakubise Radio gushika aho aja muri ’coma’ ndetse akabagwa ariko akaruhukira kwitaba Imana.

Uwo mugabo yitwa Wamala Godfrey bikekwa ko ariwe yishe Radio, yafatiwe ahaba umwe mu bagenzi biwe ahitwa Kyengera, ari naho bivugwa ko yari amaze iminsi yinyegeje.

Igihe iyi nkuru yamenyeshwa, Wamala akekwa kwica Radio yariko yandika ivyireguro kuri Dosiye yiwe harindiriwe ko ajanwa i Entebbe ahabereye icaha.

Mowzey Radio yitavye Imana ku wa kane, igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018, ashingurwa ku wa Gatandatu igenekerezo rya 3 Nzero 2018, iNakawuku aho asanzwe avuka.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.