Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Umushingamateka yasabwe gusaba imbabazi abakenyezi (...)
 Ubuganda : Umushingamateka yasabwe gusaba imbabazi abakenyezi bahohoterwa
 Ubuganda : Umushingamateka yasabwe gusaba imbabazi abakenyezi bahohoterwa
				
				mardi 13 mars 2018
Umushingamateka Onesimus Twinamasiko yavugiye ku mboneshakure yo mu Buganda , NTV, ko nk’umuntu w’umugabo ategerezwa guha indero umugore wiwe.
Uwo mushingamateka yavuze ati :"Utegerezwa kumukorako gato, ukamutega umutego, ukamukubita kugira umushire ku murongo."
Ivyo yavuze vyariyamirijwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi, umwe mu bakomeye baharanira agateka k’abagore mu gihugu c’Ubuganda avuga ko uwo mushingamateka yari akwiye kwivuza.
Diana KAGERE wo mu kigo kirwanira agateka k’abagore, CEDOVIP, yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko Onesimus Twinamasiko yari akwiye gusaba ikigongwe ku mugaragaro abagore bose bahohoterwa.
Mu gihugu c’Ubuganda abagore barenga umwe kuri batanu bafise imyaka iri hagati ya 15 na 49 baramaze guhohoterwa muhira, canke bagashurashuzwa ku nguvu , nk’uko biri mu cigwa ca Reta y’Ubuganda co mu mwaka uheze wa 2017.
MUGISHA Van Naris
