IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Afrika bwarungitse intumwa i Bujumbura ku kibazo c’Abasirikare (...)

Ubumwe bwa Afrika bwarungitse intumwa i Bujumbura ku kibazo c’Abasirikare b’Abarundi

mercredi 18 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Ismail Chergui, intumwa y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ijejwe amahoro n’umutekano (Commissaire de Paix et Sécurité de l’Union Africaine) yitezwe i Bujumbura kuri uwu wa gatatu. Bitegekanijwe ko ashika igihe c’isaha indwi z’umurango (13heures).

Amakuru y’urugendo rwa Ismail Chergui i Bujumbura yatanguye kuvugwa ku munsi wa mbere igenekerezo rya 16 Nzero 2017, igihe haja ahabona urwandiko rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu rwarungikiwe ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi hamwe n’ayandi makungu, n’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi, urwandiko rwasaba ubwo bushikiranganji ko bwoshikiriza icegeranyo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kivuga ingene abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya bogarukanwa mu Burundi.

JPEG - 358.8 ko
Ismail Chergui, intumwa y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ijejwe amahoro n’umutekano (Commissaire de Paix et Sécurité de l’Union Africaine)

Nk’uko bishikirizwa na Colonel Gaspard BATARUZA, bitegekanijwe ko Ismail Chergui aza kuja kw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, aho aza gushira urugori rw’amashurwe kuri imwe mu mva z’abasirikare b’Abarundi baguye muri Somaliya. Iyo mva iza gushirwako urugori rw’amashurwe igashobora kuba ari iya Général Juvénal NIYOYUNGURUZA.

JPEG - 24.3 ko
Général Juvénal NIYOYUNGURUZA yiciwe muri Somaliya

Muri urwo rugendo rumushikana i Bujumbura kuri uwu wa gatatu, Ismail Chergui aje kuvugana n’abategetsi b’Uburundi ku bijanye n’ingingo Uburundi bwafashe y’ugukura abasirikare babwo muri Somaliya.

Ikiringo Uburundi bwari bwatanze kugira amafaranga y’imishahara aheraniwe abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya azobe yatanzwe caheze ata rufaranga na rumwe ruhawe abo basirikare. Reta y’Uburundi iragabisha ko abo basirikare bashobora gukurwa umwanya uwariwo wose muri Somaliya. Ikiringo cari catanzwe na Reta y’Uburundi caheze kw’igenekerezo rya 8 Nzero 2017.

Mw’ikete ryarungikiwe umurwi wo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2016, Uburundi bwamenyesheje ko mu gihe gushika kw’igenekerezo rya 8 Nzero 2017, abasirikare b’Abarundi boba batarahabwa amafaranga yose y’ibirarane baheraniwe, hashobora kuzofatwa ingingo y’uguhagarika amasezerano ahuza Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu bijanye n’ukurungika abasirikare baja kugarukana amahoro muri Somaliya. Mu gihe ikiringo catanzwe caheze ivyasabwe n’Uburundi bidashizwe mu ngiro, ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bwasabwe ko imbere y’igenekerezo rya 15 Nzero 2017 (indwi twaraye dusozereye), bwoba bwashikirije umukuru w’igihugu c’Uburundi, icegeranyo gitomora ingene abasirikare b’Abarundi bari muri Somaliya botangura gutahukanwa.

Ubwo bushikiranganji bwasabwe kandi ko bwoharura ivyonekaye bitewe n’iyo ngingo y’ukudahemba abasirikare b’Abarundi, kugira inzego z’igihugu c’Uburundi ziture ubutungane.


IGIHE

Messages

  • Ingingo yafashwe yo gutahukana ibirindiro vy igihugu babitumwako kugarukana amahoro mu bindi bihugu n iyubahirizwe , Nta mugore agabwa n abagabo babiri , Urwo rubanza n umwana yoruca

  • oya ayomafaranga adatazwe ntakabuza baratahatu kandi bashitse tubahembe hama tuburane nubumwe bwafika kandi tubutsinde kuko ururubanza nunmwana yoruca, harikera aho bandukanga ubu turamaze kurinda

  • Birababaje ,agasuguro gakabije!!ukuntu bahatakarije ubuzima koko!!??yewe nibabakuriyo pe!

  • noningorane zirehe reta yacu ntimworyayanyu muhabwa nabasirikare batobato bakabaha yabo nyamb aramakori mushaka kubarihisha nimushireho urwego rubijejwe rubitomora ukuntu bazohora bariha obr bimenyekane neza hako mwama muterana imiragwe.ataruko yob amada maremare atakibakundirako nabandi babaho

  • Nibabahe Agahembo Kabo Canke Baveyo Kuko Ntagukorera Ubusa

  • Leta y’i Bujumbura ntishobora gutumako barya basoda kk yoba yishize umugozi mwizosi. Iriko igira iterabwoba kuri UA kk nta mafranga yagaciro bafise mukigega c’igihugu. Ikindi ntimwibagire ko arya mahera ariyo bahemba ko IMBONERAKURE.Ahanini ni leta ibangamiwe nikena ryamafranga yagaciro igaca igomba gukamisha abasoda bayo. Kuko naho yobatumako yoba yikwegeye ikara mugashambara. Irya tariki NKURUNZIZA yavuze izorengana kandi bongera bagumeyo

  • Uyo mu emissaire ntaco yofasha leta y’abicanyi,erega Ubumwe bwaburaya ntibarya umunwa,abasoda bari muri Somalie ntamahera aciye muri leta y’u Burundi bazoronka kereka aciye kuma comptes yabo personelle,DD nije gusaka inkoho k’uwuserukira ubumwe bwa buraya mu Burundi,hhahahahaha

  • Huuuuuu Ahubwo leta y’uburundi nitahukane abo basoda turabe ? Ivyo bimeze naka bimwe bita mu gifaransa ,"une tempête dans un verre d’eau". Leta yuburundi nta na kimwe izoronka ibatahanye ? None izokora iki hamwe UE idatanze amahera ???? Niyatahana abo basoda naho , ntihazobura ikindi gihugu gica kirungika abaco . Ico nzi coco nuko UE itazohindura ingigo yafashe , Ikindi naco nuko Leta yuburundi niyabandanya yagiriza ububiligi ibintu bidafashe nta kintu na kimwe kizohinduka . Muzoba muraba.

  • Inteko Zacu Ntizikorera Ubusa Nizitahuke Hanyuma Hanyuma Leta Yitwarire UA Vyagiraniye Amasezerano Uwo Bazosanga Yayarenze Atange Inshumbusho Kuri Ba Bitumwako Bacu.Imana Ihezagire Uburundi Na Benebwo.

  • NIBABAHE UTWABO BARADUKOREYE,CANKE ABO BAZUNGU BABABAZWA NUKO SHABABU ABARUNDI BAYIRUKANYE AKAZI KABO BAKABONA KO ABARUNDI BAKAMAZE!ZANEZANE IVY’ABARUNDI NTIBIRIBWA

  • Twaremeye turataga abacu kugira baje kwitangira abavukanyi bacu/abasomalia abasodabacu bataribake baremera bahasiga ubuzima none igihembo uburundi nabarundi duhembwe nuguduteza kwayaguzwa dusigura ivyabditse ukamengo tubibwira abatazi kwandika?
    Twebwe tugumahahandi ibimuriko murakorera uburundi naba rundi vyasebikunze haringaruka ababigirabose bategerezwa kuzobona ibihano bivuye kuri Mushoboravyose, kandi harigihe twobimenya igihe bizobashikira kuko ntawushobora kumenya ukwobizobabisa ariko bizoshika bidatevye, kuko murishinga mugakorera ibibi uburundi nabarundi nkivyotumazimisi tubona mukibaza kw’Imana ihuye namwe kandi natwe kubwokubera vyishi imazekudukorera niyotwahisemwo guha umwanya wambere uwisinga reru kwibaza ngwarimwo arahasha twebwe abarundi bizonugora kuko uzoguma usanga mengo uriko urashaka guhasha Imana kandi bitoshoboka.

  • Muraraba neza mwabo ba koloni babazungu,harimwo abakorana na Alshabab,ubu rero babonye shabab yakubiswe incuro,yaromowemuri capital no muyindi miji ikomakomeye ya Somalia,none bagomba ko shabab asubira kugira inguvu,asubire mubisagara,yice abantu binzirakarengane baba Somali.abo bazungu bace baronka aho bashorera ibigwanisho.abo mubona ninkozi zibibi zikwije amategeko.noneho ngo abanyasomalia guhera kuri president wabo banse ko abarundi bavayo,ngo hako bavayo,nabandi banyamahanga bose bari kugataka kabo bace bavayo ubutarariye,murunva ko ingabo zacu arinseruka rukanvye koko,nibakigwanigwa kabisa,abarundi mwese rema,imbere niheza,ahubwo kagomba gatangure akazi ko guhasha umwansi w’umuzungu,tumujaniranye n’umu shabab.imana yo mwijuru niyo cabona.amen!.

  • Mwari mwaratinze kuvayo namwe ubwanyu ntimwirinze ngo murarinda amahanga muveyo vuba

  • AKAGAYE NIKABI,INGABO ZACU NIZITAHUKIRA,IMAMA IZIHEZAGIRE. NTIWUSIMBWE N,UMUTIMA NGABO ZACU SI UMWAMBERE MUCUMKURA, MWARINZE MENSHI.

  • AKAGAYE NIKABI,INGABO ZACU NIZITAHUKIRA,IMAMA IZIHEZAGIRE. NTIWUSIMBWE N,UMUTIMA NGABO ZACU SI UMWAMBERE MUCUMKURA, MWARINZE MENSHI.

  • SINZI YUKO ABBARUNDI DUFISQE AKARANGAMUTIMA KUGUKUNDA IGIHUGU NONE KO MWIRIGWA MURATUKA LETA MWIBAZAKO MUGINDURA IKI? BATASHE BAZO BAJE MUGIHUGU C,AMAVUKIRO NONE HOHO NTAKO BABURA VYOSE BAGUMA BAHASIGA UBUZIMA ATACO BARONKA BOPFUMA BATAHA DATA WANJE NI BARUNGIKE ABANDI BASODA BO MUBINDI BIHUGU INGABO ZACU NIZO ZAGABANUYE UBWICANYI BWA ALA SHABAB AMERICA NTIVYARI VYAYINANIYE RERO ICO NOSABA BANYAGIHUGU TWESE ABOROSHE NA BAHAMBAYE ENDA DUKUNDE IGIHUGU CACU HANYUMA TWUBAHE ABARONGOZI KUGIRA DUTERE IMBERE NONE AMAJAMBO YO GUTUKANA AMAZE IKI? NONE KO ABO BAZUNGU BIYEMERA BARUNGIKIYE IKI IYO NTUMWA SUKO BAZI LETA YACU KO IDAKANGWA NUBWO BUZUNGU AHUBWO .H.E PITA NKURUNZIZA NAKOMERE UBURUNDI EGO KWELI NTIBUTUNZE CANE ARIKO BIZOZA KUKO ABO BAZUNGU BAMENYE KO ARIBO BADUTAMDUKANIJE ARIKO BASANZE TURUMWE NAHO HARI BAMPEMUKE NDAMUKE TUZOBAGWANYA INGABO ZACU KW,ISI NABAMBERE KWELI NONE KO MBONA ABANYA BUJUMBURA MUDASHA GUKORA IBIKORWA RUSANGI MWIBAZA NGO GITEGA NGOZI RUMONGE KAYANZA MUYINGA MAKAMBA ITERAMBERE NI RYANAWE

  • nibarebeukuntubumvikananuwoyajekubumvikanishankumburevyogiraicobivamwo.

  • Teta yacu mukomere kuko kizima ingabozacu zakozibirama ,abobazungunabo nibabona abasodabacu batabashaka nibabahembe babasubirize ababashaka.ikizwinuko atagihugu cobarungikira kwabandi batarabadusubiza,barakazaneza mugihugu camavukiro .ikibabaje nukobibagiye ko ariko batururuje All shababu ! Nibahava izoberekokako uwarumugabo agiye bazozipfuza bakogwenisoni .abarundi tujehamwegusa dukundane twubaheabatuganza twitoreye tubakunze ibisigaye IMANA irimuruhande gwacu imazegukoravyishi nibisigaye ibirabikigohe.abavugayamuhenabo nimuhinduke kukontacobibafasha Leta ninzegozayo zikomezazikora zijimbere,kugeza imyaka 5 ibaze tuzongera tugategura amatora .nimuze twige ukotwotezimbere igihugu tuvemubitagirikimazi.

  • Amanyama y’imbwa aherera mukuzunguza umurizo kweli? Mbega ko peter yavuze ko nihagera muri nzero batarahembwa bazoba batanguye gukura abasoda muri somaliya, habuze iki? reka baze musonzere hamwe.

    Nibura Nkurunziza bariyo biteze ko bo hembwa nubakurayo, bamwe muribo warabashenyeye inzu ngo wubakirwe ikirimba bazoza mu bonane, reka ndaguhe inama Nkurunziza si wewe AE Iharanye gusa nabandi bararindiriye, ndabizi urabizi kundusha ntiwobakurayo , ehe amezi abaye 5 wavuze nzero

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.