IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uburundi bwankiwe kwinjira mw’ishirahamwe SADC

Uburundi bwankiwe kwinjira mw’ishirahamwe SADC

mercredi 1er Ntwarante 2017

Inama y’abashikiranganji bava mu bihugu bigize ishirahamwe ry’iterambere mu bihugu vyo muri Afrika y’Umumanuko SADC banse ivyasabwe n’Uburundi kwinjira muri iryo shirahamwe.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu gihugu ca Tanzaniya Augustine Mahiga yavuze ko kubera ibihe vya politike igihugu c’Uburundi kirimwo,kidashobora kwemererwa kwinjira muri iryo shirahamwe.

Augustine Mahiga yavuze ko kugira ikibazo co kwinjira kw’Uburundi mw’ishirahamwe SADC gisubire kwigwa , Uburundi butegerezwa kubanza gukora ibishbka kugira amahoro n’umutekano bigaruke mu gihugu.

Umushikiranganji Augustine Mahiga yavuze ko ivyo Uburundi bwasavye vyigiwe mu murwi uhuza ibihugu biri mw’ishirahamwe SADC ,mu nama yabereye mu gisagara ca Dar-Es-Salaam kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubumanuko SADC rigizwe n’ibihugu 15.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.