IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umugambi wo kurwanya ubukene wega abarundi bose

Umugambi wo kurwanya ubukene wega abarundi bose

lundi 17 Nyakanga 2012

Umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe ryishinze gukangura urwaruka ngo rwiteze imbere (FOCODE) Gordien Niyungeko ahamagarira urwaruka guterera umuganda warwo mu guteza imbere igihugu ruhereye aho ruri harimwo n’ukurwanya ubukene.

Ivyo yabivuze mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 12 Nyakanga 2012, mu ntumbero yo gutanga umuco ku bantu bamwe bamwe boba bibaza ko kumbure amashirahamwe yigenga na FOCODE irimwo yoba yarihaye iyindi ntumbero y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi kubera bishika agahamagarira Reta kwicarira ibibazo vy’inkoramutima nk’iduzwa ry’ibiciro vy’ivyankenerwa.Niyungeko aboneraho n’akaryo ko gusaba Reta ngo irangurane ishaka imigambi ishobora gufasha abenegihugu guhangana n’ikibazo c’ubuzima buzimvye nko mu kurwiza ubuzi n’ ugufata ingingo zimwe zimwe zitezurira abadafise amikoro nko mu gukura amatagisi ku bifungurwa bimwe bimwe na cane cane ko n’ubutunzi bw’ibihugu vyahora bifasha Uburundi busigaye bugoyagoya.

JPEG - 25.7 ko

Ivyo bikaba vyerekana ko abarundi bose bo mu bisata bitandukanye vy’igihugu begwa n’umugambi wo kurwanya ubukene.Ku bwa Niyungeko ngo imigambi nyamukuru ya FOCODE iratomoye ikaba ishingiye ku kwigisha urwaruka ukuntu imigambi itegurwa kuva umuntu aciga muri Kaminuza n’inzira aheza agacamwo zo kuronka imfashanyo canke ingurane aheza agakoresha bwa mutahe, gutyo akiteza imbere, agashobora no guteza imbere abandi.

Ngo FOCODE irahuza urwaruka rwaminuje, abayitavye nabo ikababwira uko ibintu bigenda birahindagurika mu Burundi, mu karere mbere no kw’isi yose nk’ivyo bita “Mondialisation” hadasizwe inyuma ibijanye n’iyinjira ry’Uburundi mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC) n’akarusho urwaruka rushobora kuharonkera.Niyungeko avuga kandi ko FOCODE ihimiriza urwaruka mu buryo budasanzwe ngo ruhurumbire amashirahamwe.Ngo mu nama nkarishabwenge FOCODE yama itunganya basanze mu bitaba hari imigwi 3: abamaze gutangura gushira mu ngiro imigambi, abavyifuza batarabona aho bohera, n’abandi batabona iyo bava n’iyo baja.

Muri iyo migwi rero abamaze gutera imbere baza babwira benewabo ingene batanguye imigambi yabo, ingorane bagiye barahura nazo n’ukuntu bazitoreye umuti, gutyo abandi bakumviraho ingene bashobora gutangura.Niyungeko aramenyesha ko hariho ivyo FOCODE isaba Reta nko gushigikira urwaruka rwiteguriye gutunganya imigambi y’iterambere.Aho rero akaba ashimira Reta ku ntambwe imaze gutera naho ikiri nto mu vyerekeye abarangije amashure bimenyereza ubuzi mu bushikiranganji bumwe bumwe no mu bisata bimwe bimwe vya Reta babifashijwemwo n’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo kwitaho urwaruka.

Niyonkuru arongera agasaba Reta gushinga ikigega c’ingwati (Fonds de garantie) kugira ngo urwaruka rushaka gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere rushobore kuronka aho rukura ingwati igihe nk’ibanki irwemereye ingurane yo kuwutanguza. Asaba kandi Reta ngo ishireho amategeko agenga abashaka gushinga imigambi yo kwiteza imbere.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.