IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umurwi ugira kabiri w’abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA (...)

Umurwi ugira kabiri w’abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA wumvirijwe

vendredi 25 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubutungane bwumvirije kuri uwu wa gatanu umurwi ugira kabiri w’abantu bagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA. Abumvirijwe ni bane biyongera ku bandi bane nyene baburanye kuri uwu wa kane mw’ibohero rikuru rya Gitega, ahapfungiwe abagirizwa ico caha.

Inyuma y’ukubumviriza bose akaba ariho sentare izomenyesha isango ry’ukuburana mw’ido n’ido.

JPEG - 30 ko
Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igendereza

Abo bagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA ni abasirikare 10 barimwo barimwo ibisongerezi (sous-officier) bitatu.

Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igendereza yagandaguwe arashwe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2016, mu gitero c’abantu bamutegereye ageze kw’ibarabara RN1, hafi y’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.