Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umurwi ugira kabiri w’abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA (...)
Umurwi ugira kabiri w’abagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA wumvirijwe
vendredi 25 Munyonyo 2016, par
Ubutungane bwumvirije kuri uwu wa gatanu umurwi ugira kabiri w’abantu bagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA. Abumvirijwe ni bane biyongera ku bandi bane nyene baburanye kuri uwu wa kane mw’ibohero rikuru rya Gitega, ahapfungiwe abagirizwa ico caha.
Inyuma y’ukubumviriza bose akaba ariho sentare izomenyesha isango ry’ukuburana mw’ido n’ido.
- Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igendereza
Abo bagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA ni abasirikare 10 barimwo barimwo ibisongerezi (sous-officier) bitatu.
Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igendereza yagandaguwe arashwe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2016, mu gitero c’abantu bamutegereye ageze kw’ibarabara RN1, hafi y’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled.
IGIHE
Messages
25 Munyonyo 2016, 19:07, par NTI LIONNEL
Birakwiye Ko Bokoresha Inguvu Bakashengeza Abo Babisha Kandi Bakabaha Igihano kibakwiye Kuko Hariho Abarundi Bagize Kwicana Babigira Akazi Murakoze!
25 Munyonyo 2016, 19:19, par ABDUR RAHMAN
Ahubwo Nibakoreshe Inguvu Bashengeze Abo Babisha Kandi Babahe Igihano Kizotinyisha Abandi Kuko Hariho Abarundi Bagize Kwica Babigira Akazi Murakoze!
26 Munyonyo 2016, 12:58, par mag
urazi aboyishe ntagoyobona naweniyumve ivyoyagirirabandikobisosa ahubwondibaza azogaruka uwoyamuruhuye akwiyikidare cumwakaka yatabaye abarundi nabanyamahanga
26 Munyonyo 2016, 13:48, par Niyububuntu
None Ko Mutaduha Amakuru Ahera Yose Mbona Ari Icamake Gusa
26 Munyonyo 2016, 15:07, par Issa
Reka sha kuba muhenda abantu,muriko murajandajanda,iyaba muzi ko aribo bamwishe muba mwarabanyonze kera,uwamwishe turamuzi n’umuntu yiyita umuhanuzi wi Mwumba umugabo wa Dénise Bucumi
26 Munyonyo 2016, 18:05, par nabado!
uwicisha inkota azicwa n’inkota nyene!
26 Munyonyo 2016, 20:41, par Ningejeje
Mbega None Abagirizwa Urupfu Gwa General Shimirimana Nihamwe Igihano Cogupfa Cahavuye Baribakwiye Gupfa Nyabamenja
27 Munyonyo 2016, 15:14
NDATNGAYE!!!!!!MWiBABAZA ABARUNDI KOTURI ,IBIJUJU? MBINKURU,NA,NDAKUGARIKA.TURAZI turazi ko aribo bakoz ibara.
27 Munyonyo 2016, 15:17
MBINKURU NAKAGWI KAW AYOMANYANGA .BIZOHINYUKA
27 Munyonyo 2016, 15:19
MURICA HANYUMA MUKIGIRA ABEJO,RINDIRA.
27 Munyonyo 2016, 15:23
Nyie warundi munanishaangaza hakili zenu nigupiganapigana
27 Munyonyo 2016, 15:29
JE ndababaz ninde izuru riraba hejuru ?hakumenya koa twes amaherezo arugupfa uwubay president yibona nkaho wew atazopfa.
27 Munyonyo 2016, 15:33
Usama ben, kadafi, nabandi bigiz abakomey, nkurunziza!Wo mbwira umuji barimwo??!??!?!?!?!?!!!!??!
27 Munyonyo 2016, 21:01, par noris
Ntabwo yagandaguwe le 2/8/2016 ahubwo ni izo tariki mugabo umwaka ni 2015!!!
28 Munyonyo 2016, 08:12, par mzoyihera intagoheka
Uwomuhimbiri yihwe nabagenziwe batumwe na Nkurunziza Petero, kuko yarafise ubwoba yuko Adlophe Shimirimana kwashobora kumukura kubutegetsi, ati kuraho uwomuhimbiri!, akarorero, nabanganiki mubagumyabanga ba CDD FDD barabishikira bakomeye cane kwa Nkurunziza, unomusi bacitse kwicumu bagomba bagandagurwe, bazira ukuri kwabo kwarigutuma igihugu kitaja mukaga. Ariko unomusi bagorewe mubuhungiro, rerugomba kubananeza na Nkurunziza petero, akubwiye ati twice abantu, ati yes, wewe ucubumugenzi asha, niko yimereye.
2 Kigarama 2016, 15:09, par Evelyne
Harya Ntawuzi Aho Ikigongwe C’ Imana Kigarukira,reka Kumucira Imanza.