IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushikirizamanza kizigenza yamenyesheje aho amatohoza ageze ku rupfu rwa (...)

Umushikirizamanza kizigenza yamenyesheje aho amatohoza ageze ku rupfu rwa Emmanuel Niyonkuru

samedi 7 Nzero 2017

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika NYANDWI sylvestre amenyesha ko abantu batandatu harimwo abagabo 4 n’abagore 2 bikekwa mu rupfu rwa Emmanuel NIYONKURU yahora ari umushikiranganji w’ibidukikije,amazi, amatongo no gutunganya ibisagara, bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Nkuko biri mu cegeranyo nfatakibanza yashikirije kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 7 Nzero 2017, Sylvestre Nyandwi amenyesha ko inyuma y’amatohoza bamaze gukora, basanze ubwicanyi bwahitanye Emmanuel Niyonkuru bwakozwe n’inkozi z’ikibi zitwaje ibirwanisho kw’irembo ry’urugo rwiwe ruri mw’I Rohero ya mbere,Komine Mukaza,mu gisagara ca Bujumbura.

Ico cegeranyo kimenyesha ko inkozi y’ikibi yagandaguye umushikiranganji Emmanuel Niyonkuru yakoresheje inkoho,imurasa ku mutwe,munsi y’ugutwi kw’iburyo.

Umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU yitavye Imana mu bucagucagu bwo kuw’Imana igenekerezo rya 1 Nzero 2017, avuye mu buriro Restaurant Chez Andre.


IGIHE

Messages

  • Umutwe wiyinkuru uratandukanye nibiri muvyanditswe mwiyinkuru.
    Mumutwewinjuru wamengo haribishasha twagomba kumenya,
    Ariko dusomye mumutumba dusanzemwo ivyotwaridusanzwe tuzi konyene umushikiranganji yapfuye arashwe kandi twarituzi kohariho abafashwe kumvozamatohoza.
    Ahorero ntagishasha dusanzemwo.

  • Mbega,uwo,nyandwi,sylvestre,wewe,ntamakosa,akora?Ntawomugirako,amatohoza?Erega,ntamwonga,ubura,isato,iba,idahizwe.Nukumukorerako,nibuye,rirameneka,wewe,nabado

  • Kubabamwishenikosarimwemuyarahasanzwe,nonemubafashwe Ntacobarabivugakonyezina?Nibabarenganywa mubabarenganywa mubarekurebitahire.

  • Nyakubahwa Sylvestre wa shikirije abariko barafatwa!. Mugabo ntamutegetsi numwe uratubwira yafashwe numwe kandi ndusazwe twarituzi yuko hariho bamwe mubategetsi bakomakomeye kubutegetsi bari bafitaniye amatati ya matongo none murabo mumaze gufatamwo bangahe? mbega abobagabo bane 4 nimwabo bategetsi bari bafitaniye ingorane?,bamureka guhenda abantu turabizi yuko, iyo hakoze ikibi umutegetsi ,uwariwe wese, umunyagihugu niwe afatwa ngo hariko harakorwa amatohoza nawe nukumumenya atarasazwe anamuzi !.Nkabwira abarundi bose yuko ivyo arinkinamico yo gusamaza abarundi namakungu. Jewe nzobemera komurabashirizamanza bukuri bafise ijambo nijunja, muhamagaze barya bari bafitaniye ingorane babazwe kurupfu rwuyo mushingantahe, niho muzoba muri mukuri. Ariko ivyo mutangaza ntagishasha murivyo! nimwisubireko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.