IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushingamateka Ladislas NCAHINYERETSE yarekuwe abanje gutanga (...)

Umushingamateka Ladislas NCAHINYERETSE yarekuwe abanje gutanga amande

jeudi 10 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo yari yari umushingamateka mu mwaka w’2012 yafashwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, akaba yagirizwa ko yarenze itegeko rigenga amashamba ryo mu mwaka w’2016.

Aristide NSENGIYUMVA, umushikirizamanza mukuru mu ntara ya Karusi avuga ko umushingamateka Ladislas Ncahinyeretse yaciye ibiti vy’uguca amakara mw’itongo ryiwe, ariko akaba atabanje kubisabira uruhusha mu bajejwe intwaro, nk’uko biri mw’itegeko rishasha ry’ugukingira amashamba n’ibidukikije.

JPEG - 36.8 ko
Aristide NSENGIYUMVA, umushikirizamanza mukuru mu ntara ya Karusi

Aristide NSENGIYUMVA yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko mu cegeranyo cakozwe n’ubutungane hamwe n’abakozi b’igisata c’ugukingira ibidudukikije, basanze Ladislas Ncahinyeretse yotanga amande y’amafaranga imiriyoni zitatu n’ibihumbi amajana ane y’amarundi, akaba yayatanze, inyuma y’aho ararekurwa nk’uko vyemezwa n’uwo mushikirizamanza mukuru w’intara ya Karusi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.