IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Umuyobozi wa OBR arashima ibikorwa vy’ibigo bitoza amakori mu karere ka (...)

Umuyobozi wa OBR arashima ibikorwa vy’ibigo bitoza amakori mu karere ka Afrika y’ubuseruko

vendredi 26 Rusama 2017

Mw’ijambo yashikirije kuri uwu wa kane yugurura ibikorwa inama ihuza abarongoye ibigo bitoza amakori n’amatagisi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, Audace NIYONZIMA arongoye OBR yavuze ko guhanahana ubumenyi hagati y’ibigo bitoza amakori n’amatagisi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko vyagiriye akamaro kanini ikigo OBR naho kimaze imyaka mike gitanguye gukora.

Komiseri mukuru wa OBR yavuze ko igikorwa co gukarihirizwa ubwenge cakozwe n’ikigo gitoza amakori n’amatagisi mu gihugu ca Kenya "KRA" vyerekana ko ugukorera hamwe k’urwo rwego rwo mu karere kuri mu bikorwa vya misi yose.

Audace Niyonzima arongoye ikigo OBR amenyesha ko naho bahuye n’intambamyi mu mwaka wa 2015, ikigo OBR cagumye gitera imbere kuva gishinzwe mu mwaka wa 2009, kandi ko mu mwaka uheze wa 2016, OBR yegeranije umwimbu ushika ku bice 106 kw’100, aho hiyongereyeko ibice 7,9 kw’100 ugereranije n’umwimbu wabonetse mu mwaka wa 2015.

Audace Niyonzima arongoye ikigo OBR amenyesha ko bagiye gukora cane kugira baze baronke umwimbu ushimishije kurusha uwo baronse.

Umuyobozi mukuru wa OBR yamenyesheje ko mu ntumbero bihaye uyu mwaka ubwa mbere ari ugutahuza abantu kumenya gutanga ikori, kugwanya urudandazwa rwa magendu n’abikika mu kiza mu kudatanga amatagisi hamwe no gukurikirana ibirarane bitararihwa, gutyo mu gukorera hamwe gutyo babone gutorera umuti izo ntambanyi.

Iyo nama ikaba igize iya 42 ihuje abarongoye ibigo bitoza amakori n’amatagisi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Yatanguye kuri uwu wa kane ikaza gusozerwa kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 26 Rusama 2017.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.