IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi asaba abanyeshure gusubira mu (...)

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi asaba abanyeshure gusubira mu mashuri

mardi 4 Ndamukiza 2017

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi asaba abanyeshure na cane cane abo mu mwaka wa mbere gusubira mu mashure,inyuma y’iminsi iheze barahagaritse ivyigwa kubera itegeko rishasha rigenga agafashanyo gahabwa abanyeshuri.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 3 Ndamukiza,umwaka wa 2017,umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaspard BANYANKIMBONA yavuze ko hari imikono yiganywe kandi banyeneyo batigeze bashira umukono ku rwandiko rwarungikiwe umukuru w’igihugu rumusaba guhagarika ingingo igenga itangwa rishasha ry’agafashanyo.

Umukuru wa kaminuza y’Uburundi yavuze ko hari abateye umukono ku rwandiko batazi ikiri mw’ikete barungikiye,batazi kandi n’uwo urwo rwandiko rugenewe.

Gaspard BANYANKIMBONA yavuze ko hari abatanguye kuja kumenyesha ko batari mu bashize umukono kuri urwo rwandiko rusaba ihagarikwa ry’ingingo igenga itangwa ry’agafashanyo ku banyeshuri ba kaminuza.

Umuyobozi wa kaminuza yavuze ko bariko barakora amatohoza kugira bamenye abateye umukono kuri urwo rwandiko, abazokwagirwa nabo bazohanwa hisunzwe amategeko agenga kaminuza, eka mbere n’amategeko mpanavyaha.


IGIHE

Messages

  • Iyo ninyendamuvano, mugomba abo muhohotera!Inde anezerejwe nuko agiye kwiga kwideni? Reka kurementanya!Ntabaje kubivuga puuuu!

  • Jew Mbon Hob Kumvikana Hagati Yabo Vyega Tukareka Gukoresh Imvugo Ziterabwob Kur Bamw No Kubandi Hanyum Abanyeshur Ntibatakaz Umwany Wo Kwiga Nayo Abavuga Ko Hob Hari Abaj Kumenyesh Ko Batavyemey Mbonamw Amakenga Kirets Batew Ubwob Bobivug Muntumber Yo Kwikingira.

  • @Anna Munezero
    Mbega wewe urakurikira aho isi igeze? No muri Occident arivyo bihugu bikize kurusha Uburundi hatangwa prêt-bourse none wewe wunva ko igihugu gikenye arico cobandanya gutanga bourse ku banyeshuri biyongera ku bwinshi.Ikibi nuko bobishuza batararonk’akazi nah’ubundi gufat’ideni ukiga nta ngorane na ntoy’irimwo.

  • Ivyobiroroshe abashaka nibige abadashaka batahekurima

  • Mbega uwomuyobozi wa kaminuza kwavuga yuko abandikiye umukuru wi gihugu kobakoze amakosa, biraciyingani umuntu ashikirije ivyabona yarenganijwe abacumuye!? mbega kwavuga yuko bosubira kumashure ivyobasavye vyagiye mungiro?, cagatatu uwomuyobozi wa kaminuza ahavuguko iyo mfashanyo niyo yatunye ashika ahangeze uyumusi, abakera nibo bayamaze ngo uwukize isemu yibagira icayimuteye, abobose biyita agakomeye ntanumwe atahawe iyomfashanyo.
    Nayivyo avuga yuko abasinye riryakete biganye amasinyi yabandi nububeshi buhanitse, mbega abobasinye nabana bakirekereza inkonda kumunwa? twese turasinya amakete yanditswe nabandi, ariko usinya aruko warinze gusoma ibiri mwiryokete, ugasinyira icuzi kandi wasobanukiwe. Kubwivyo nareke kubesha murabo banyeshure harimwo naboba bamusuvya ubwenge cane.

  • jewe nk’umunyeshure vyoshika nkaja muri kaminuza y’uburundi iyo nkuru ntihumuriza abanyeshuri uretse ko ije kubakandamiza kandi aribo burundi bw’ejo rero mbona bogumizaho irya ngingo yahahora ahandi ho incabwenge ziragabanuka mu burundi kandi twashaka ko zigwira kugira tugiteze imbere na cane cane ko iterambere ryambere ari ukwiga nka za kaminuza .mbe hoho banyarucari tuzoca twiga gute kandi twari tubikeneye?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.