IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Urubanza rw’abayoboke 11 ba RWASA Agathon rurabandanya

Gitega : Urubanza rw’abayoboke 11 ba RWASA Agathon rurabandanya

jeudi 30 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Urubanza rw’abayoboke 11 b’umushingamateka Rwasa Agathon rwari rwatanguye kuri uwu wa gatatu rurabandanya ku muhingamo wo kuri uwu wa kane muri Sentare nkuru y’intara ya Gitega. Ababurana bari basavye ko bohabwa akanya k’ugusoma ibiri muri dosiye yabo, hamwe n’uko boronswa akanya k’ukurondera ababafasha kuburana.

Abo bayoboke ba Rwasa Agathon uko ari 11 bagirizwa urupfu rw’umutama Jacques Bukobero, umuvyeyi w’umurwizatunga Venant KAZOHERA, umunywanyi wa CNDD FDD akaba n’umukuru w’umurwi w’umupira w’amaguru wa "Messager Gitega". Uwo mutama yishwe atewe gerenade n’abantu bamusanze muhira iwe kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2017, ku musozi Gasenyi, komine Nyarusange, mu ntara ya Gitega.

Abaserukira abayoboke ba Rwasa Agathon mu ntara ya Gitega bavuga ko abo bantu bafatiwe imvo za poritike, bagasaba ko borekurwa atakirinze gusabwa.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu barahakana ko ata gatotezo kariko gakorerwa abanywanyi ba RWASA, bakavuga ko abayoboka uwo asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ari abantu nk’abandi bose, kandi bashobora gukurikiranwa n’ubutungane mu gihe hari icaha bagirizwa.

IGIHE

Messages

  • Nibabafate gose kabisa kuko abarundi dufisingesombi,abantu nkamwe birigwa barabatoteza babica babafunga,babaturatuza mufisubwenge muzinokurasa! Mugabo naguye ndagarutse mwatawe mwisanganya na GWASA, ntimwohamvya nzabampema mugapfuma migwa kurugamba hako mupfa ugwagashinyaguro erega nzabampema nabobarikumwe ntibazohera mwishamba rya rukoko! Bazogaruka mugihugu kandi bubashwe gusa ukeburuwutumva ukamara ibinomba

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.