Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego CNC rwahagaritse ibihano vyari vyahawe ikinyamakuru Le (...)
Urwego CNC rwahagaritse ibihano vyari vyahawe ikinyamakuru Le Renouveau
mercredi 23 mai 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 23 Rusama 2018,umukuru w’ikigo CNC, Karenga RAMADHAN, yamenyesheje ko ibihano vyari vyafatiwe ico kimenyeshamakuru bikuwe kubera cemeye icese ko ivyo cagirijwe bifise ishingiro congera gisaba gutezurirwa.
Muri ico kiganiro,Karenga RAMADHAN atwara CNC, yavuze kandi ko ashima intambwe iradiyo y’abongereza BBC hamwe n’iradiyo ijwi rya Amerika bamaze gushikako mu kwandikira ico kigo, bemeza ko amakosa bagirijwe afise ishingiro.
- KARENGA Ramadhan, umukuru w’urwego CNC
Karenga RAMADHAN yavuze ko abaserukira ayo maradiyo bemeje ko bagiye kugira urugendo hano mu Burundi kugira baganire na CNC kuvyerekeye ico kibazo.
Umukuru w’ikigo CNC yaboneyeho akaryo ko gutera akamo iradiyo canke ikinyamakuru coba gifise akakibakiye kwegera ico kigo kugira umuti utorerwe hamwe.
Ikinyamakuru ca Reta Renouveau cari cahagarikiwe igisata co kumenyekanisha mu kiringo c’amezi atatu.
BIKORIMANA Vianney
Messages
24 mai 2018, 22:12, par Gahungu lem
Nibashake Birekere Amatora Yaraheze Bareke Kwirusha