Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwahoze ari umukuru wa Sentare y’iyungururizo ya Gitega yagumijwe (...)
Uwahoze ari umukuru wa Sentare y’iyungururizo ya Gitega yagumijwe mw’ibohero
jeudi 5 Ndamukiza 2018, par
Nk’uko bishikirizwa n’uwumufasha kuburana, iyo ngingo y’ukugumiza mw’ibohero yafashwe kuri uwu wa mbere. Umushingwamanza Bernard Bigirindavyi avuga ko yunguruje, ingingo igira kabiri ifatwa n’ubutungane ikaba iza kumenyekana kuri uwu wa kane, inyuma y’ukwumvirizwa kwa Thomas NTIMPIRANGEZA yahora ari umukuru wa Sentare y’iyungururizo ya Gitega.
Thomas NTIMPIRANGEZA yafashwe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, akaba yagirizwa ko yanyuruje isima yari yatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, kugira ikoreshwe mu kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru mu ntara ya Karusi.
Egide NDUWIMANA
Messages
9 Ndamukiza 2018, 19:16, par Nvunamaboko
abasengera uburundi bashshikare gusenga imbere twimirije niheza