Uwahoze ari umuyobozi mukuru wa RTNB yafashwe n’igiporisi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 6 Munyonyo 2017 saa 08:16
Yasomwe : 35208
0 0

Jérôme NZOKIRANTEVYE yahoze ari umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu c’Uburundi (RTNB : Radio Télévision Nationale du Burundi) ari mu minwe y’igiporisi kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu.

Mu giporisi baremeza ifatwa ry’uwo asanzwe ari umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko Jérôme NZOKIRANTEVYE apfunzwe yagirizwa kudandaza impangu zitari iziwe (Vente illicite des parcelles) zo mu Maramvya.

JPEG - 71.6 ko
Jérôme NZOKIRANTEVYE yahoze ari umuyobozi mukuru wa RTNB, akaba umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi

Jérôme NZOKIRANTEVYE yahoze ari umuyobozi mukuru wa RTNB yafatiwe muhira iwe, n’abaporisi bari kumwe n’abakorera iperereza, mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu.


Kumenyekanisha

1
Ignorant vas! 6-11-2017 à 17:09

@Hicuburundi
None ko umenga wewe nyene uri mwene Satani!

2
Hicuburundi 6-11-2017 à 08:46

Ndakwibuka uri imbere uhayagiza Imboness na DD none raba, asha ngiyo ingororano yo gukorera Satani n’abandi bose bihenda ngo barakorera système DD barabireko

3
Karikurubu 6-11-2017 à 08:42

DD ni uko ihemba Jérôme we ihangane kandi urizize,uwuzokurikirako ni umuhuza w’Abarundi,dossier yiwe iri mu kuzura, murindire gatoyi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha