IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Rwanda > Zimwe mu mpunzi z’abarundi zahora muri Tanzaniya na Kongo ziriko zimukira mu (...)

Zimwe mu mpunzi z’abarundi zahora muri Tanzaniya na Kongo ziriko zimukira mu Rwanda

Wednesday 1 November 2017

Amakuru dukesha ikinyamakuru Igihe.com amenyesha ko ishirahamwe UNHCR rivuga ko mu kwezi kwa Nyakanga 2017, ryakiriye abarundi bashika 42 bari bahungiye mu gihugu ca Kongo na Tanzaniya,bavuga ko bahunze umutekano muke.

Ivyo bibaye inyuma yaho hagati mu kwezi kwa Nyakanga 2017, abarundi barenga 30 baba mu gisagara ca Kamanyola bishwe abandi bagakomereka barashwe n’abasirikare ba Reta ya Kongo.

Ishirahamwe UNHCR rivuga ko hejuru y’ikibazo c’umutekano, impunzi z’abarundi zija mu gihugu c’Urwanda zivuga ko zije kwegera imiryango yazo isanzwe iri mw’ikambi y’impunzi ya Mahama no mu bisagara bitandukanye.

Ishirahamwe mpuzamakungu UNHCR rimenyesha ko abarundi 15 aribo bahungira mu gihugu c’Urwanda ku munsi ku munsi.


MUGISHA Van Naris

Forum posts

  • Abo 42 ni bake cane,UNHCR imaze kwakira impunzi nyinshi zari zaratashe mu Burundi hamwe n’izindi ziza zivuye muri Tanzanie no muri RD Congo ni benshi cane,abavuye mu Burundi bavuga ko bariko baricwa kamwe kamwe n’Imbonerakure

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.