IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira Bob Rugurika bunguruje urubanza

Ababuranira Bob Rugurika bunguruje urubanza

mercredi 11 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Imburano z’iyungururizo ry’urubanza rwa Bob Rugurika umuyobozi wa RPA zarungitswe muri sentare isubiramwo imanza y’igisagara ca Bujumbura, abamuburanira bakaba bizeye ko abacamanza bo mw’iyungururizo bazosoma amategeko, bagakora ataho bahengamiye.

Lambert Nigarura, umwe mubaburanira umumenyeshamakuru Bob Rugurika amenyesha ko kuri uwu wa gatatu bahaye kopi umushikirizamanza akukira sentare isubiramwo imanza ya Mairie ya Bujumbura, nk’uko mwene gucibwa urubanza ariwe Bob Rugurika yari yavyikoreye mu kwandika ko yunguruje urubanza, yiyamiriza ingingo yo kumugumiza mu munyororo.

Ababuranira Bob Rugurika batanze imburano z’iyunguruza, aho basaba ko umucamanza w’iyungururizo yoba umucamanza nyakuri, umucamanza ataho yegamiye kandi yidegemvya, bakaba bagarutse ku ngingo yafashwe na sentare ya mbere, aho iyo sentare itashoboye gusigura neza ibigaragaza ko uwo baburanira yoguma apfunzwe.

Ababuranira Bob Rugurika bizeye ko mw’iyungururizo bazofata ingingo zibereye, bagaheza bagasoma amategeko, bakirinda abariko barakoresha ubutungane kugira bagumize mu munyororo Bob Rugurika ku zindi mvo.

Amategeko ategekanya ko mu misi indwi ariho abafasha Bob Rugurika kuburana bazokwumvirizwa, hama hagafatwa ingingo namba yoburana yidegemvya canke akagumizwa mu munyororo. Abamuburanira basavye ko nk’uko n’amategeko abirekure, ko boburanira i Bujumbura ntibirirwe baraduga i Muramvya, aho Bob Rugurika apfungiwe kuva kw’igenekerezo rya 22 Nzero 2015.


Egide Nduwimana

Messages

  • Arivyonkora urworubanza borutwara kurucura hariya Kirundo kuko gasheshe yaba Bujumbura irateye isoni!
    KUBIJANYE NABACAMAZA NDABONA BABANGAMIWE BIKOMEYE NABOBANTU BAKONEZA KUBATERUBWOBA IYOBAKIRIYE URUBANZA, AHUSANGA BARIKO BARACIRURUBANZA UMUNTU MAZE UKUMVABANTU BABATERUBWOBA HIRYANOHINO NGO’ MUREKURE NINGOGA, NGOREKURA UWORUNAKA URWAMO HEJURU IVYAPA HEJURU NAYANDI MAJAMBO ABATESHA ICUBAHIRO BABABWIRANGO’ BAKORERA DD, NGOBUCA BASHIRWA MWIBOHERO, NGONTIBIGENGA, NAYANDIMAJAMBO YOKUBABUZA KWIGENGA BAKOMEJE KUBABWIRA, IVYOVYOSE UGASANGA BABIBWIRA NABIYISE NGO BARIMUMASHIRAHAMWE ADAHARANIRA IVYICARO VYAPOLITIKE!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.