IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abacamanza bibukijwe akarangamutima n’indahiro bigenga umwuga (...)

Abacamanza bibukijwe akarangamutima n’indahiro bigenga umwuga wabo

mercredi 28 Nzero 2015

Sendika SYMABU y’abacamanza yibutsa abashikirizamanza n’abacamanza kwama bubahiriza akarangamutima kagenga umwuga w’abacamanza. Iyo sendika imenyesha ko itari kumwe n’abacamanza bacapfuza urwo rwego, mu kudatunganiriza abanyagihugu baba babituye.

Mw’itangazo SYMABU (Sendicat des Magistrats du Burundi) yasohoye kuri uwu wa kabiri, Yohani Petero Munyembari arongoye iyo sendika, yamenyesheje ko muri iki gihe biboneka ko igihugu kiri mu bihe bitoroshe, bigasaba ko abacamanza bogira akigoro katoroshe mu gutunganiriza abanyagihugu babitura, bataravye nkunzi, kandi bagakorera mu bwigenge.

Muri iryo tangazo bavuga ko ubucamanza bubangamiwe n’ukutigenga, kuko bubohewe amaboko i mugongo. Yohani Petero Munyembari arongoye sendika SYMABU agasaba ubushikiranganji bw’ubutungane ko bwokwubahiriza ivyasezeranywe mu nama kaminuza y’ubutungane, mu bijanye n’ubwigenge bw’abacamanza, kugira ubutungane bubohorwe.

Abacamanza n’abashikirizamanza bibukijwe kwama bisunga na ntaryo akarangamutima k’umwuga wabo, mu ngingo zose bafata bariko baratunganiriza abanyagihugu, kandi ntibibagire indahiro barahiye umunsi binjira mu mabanga yabo.

Iryo tangazo rya sendika SYMABU riratera intege abacamanza bama bigenza rugabo, bakigumya mu bihe bigoye. Iyo sendika imenyesha ko yitandukanije n’abacamanza hamwe n’abashikirizamanza bata ibanga, kuko batera iceyi ubutungane bw’Uburundi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.