Accueil > Ubutunzi > Abadandaza b’ibinyobwa vya BRARUDI basaba ko ibiciro vyogabanuka
 Abadandaza b’ibinyobwa vya BRARUDI basaba ko ibiciro vyogabanuka
 Abadandaza b’ibinyobwa vya BRARUDI basaba ko ibiciro vyogabanuka
				
				jeudi 3 Nzero 2013
Mu gihe mu mpera z’iyindi myaka ibinyobwa vya Brarudi vyahora bigurwa ku rugero rushimishije,muri uno mwaka siko vyagenze kuko abantu batabiguze nkuko bahora babigura mu myaka iheze.
Abaranguza ibinyobwa vya Brarudi baremeza ko uno mwaka igihe hariko hahimbazwa iminsi mikuru yo guheza umwaka ivyo binyobwa bitaguzwe nkuko vyahora mu yindi myaka,bakaba basaba rero ko ibiciro vyavyo vyogabanurwa.
Bamwe muri bo, bakaba bavuga ko mu myaka iheze bashobora kudandaza amakaziye angana 300 ku munsi,ariko ko uno mwaka badandaje ayatarenga 50.Ivyo bikaba vyaribonekeje mu karere k’uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Kubwo abo baranguza ivyo binyobwa,ngo icatumye batadandaza nkuko vyahora ni uko ibiciro vyadugijwe.Nayo kubwo abadandaza ngo icotuma ibinyobwa bisubira kunyobwa ni uko ibiciro vyogabanurwa nkuko vyagenze mu minsi iheze igihe Brarudi yari yatunganije igabanurwa ry’biciro mu bunwero bumwe bwo mu gisagara ca Bujumbura.
Twobamenyeshako ibinyobwa vyo mu bwoko bwa Amstel na Primus arivyo binyobwa binyobwa cane mu gihe c’iminsi mikuru iheza umwaka.
Mugisha Van Naris
