IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abahejeje ishure shingiro biteguriye ikibazo bimirije gukora

Abahejeje ishure shingiro biteguriye ikibazo bimirije gukora

mercredi 18 Rusama 2016, par egide

Ikibazo gitanga uburenganzira bw’ukubandanya amashure akurikira ayo mw’ishure shingiro kizokorwa mu gihugu cose kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika kurya 10 Ruheshi 2016.

Mu murwi ujejwe gutegura ikorwa ry’ico kibazo bamenyesha ko abigisha batoye ico kibazo bamaze kwegeranirizwa mu kibanza kimwe kuva kuwa 14 Rusama 2016, kugira barindirire ico kibazo gikorwe.

Patrice MANENGERI arongoye uwo murwi yamenyesheje kandi ko ico kibazo kizokorerwa rimwe n’ico mu mwaka w’icenda n’uw’icumi, ariko bamwe bose bakazokora ukwabo.

Abanyeshure bose hamwe bitezwe gukora ivyo bibazo baharurwa mu 221.500, muri abo hakaba harimwo 125.500 bo mu mwaka w’icenda, hamwe n’abagera ku 96.000 bo mu mwaka w’icumi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.