IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abajejwe intwaro n’umutekano bahungabanya amahoro bagabishijwe

Abajejwe intwaro n’umutekano bahungabanya amahoro bagabishijwe

mardi 21 Nzero 2014

Inyuma yaho hagaragariye ukwihorana canke ukwihanira kw’abanyagihu, ndetse ivyo ugasanga bikozwe nk’indenzarugero, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihu Edouard Nduwimana ahamagarira abanyagihugu kureka iyo ngendo yo kwihanira.

Umushikiranganji Nduwimana akaba ashikirije ivyo, mu gihe mu mihingo y’igihugu itandukanye havurwa ubwicanyi butandukanye buvuye ku burozi, abandi bakicana bivuye ku mpari z’amatongo mu gihe hari n’abandi bicana ku bw’akaborerwe, abandi nabo bakazira ko bafashwe bivye n’ibindi.

JPEG - 55.8 ko
Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba asaba abanyagihugu gushikiriza inzego zijejwe umutekano, ababa bagirijwe amakosa gutyo abanyagihugu bareke iyo ngendo mbi yo kwihanira. Kuri abo nabo babandanya bahohotera abandi mu kwihanira kandi amategeko atabibarekurira, Edouard Nduwimana asaba abajejwe intwaro kubahana bimwe vy’akarorero, ku buryo n’abafise ako gatima ko kwihanira boca bahagarika. Eka akaba yasavye ko n’abajejwe intwaro, umutekano w’abanyagihugu boba bagirizwa amabi yo guhungabanya umutekano, nabo nyene bohanwa atakigongwe.

Ivyo, umushikiranganji akaba abishikirije mu gihe mu gisagara ca Bujumbura hamaze iminsi havurwa ingeso yo kwihanira kw’abanyagihugu co kimwe n’abaporisi bahohotera abanyagihugu. Akarorero ka hafi, akaba ari aho ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 18 Nzero umunyagihugu ariko aradandaza utuntu yacumiswe imbugita kw’izosi n’umuporisi, maze ku munsi wa mbere naho, umuporisi agakubita umunyagihugu gushika naho ahakwa kwitaba Imana.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ntakuntu Nakumwe Abanyagihugu Batazobura Kwihanira Mugihe Bakibona Ubutungane Butabatunganiriza Neza Canke Abapolisi Nabo Babikora.

  • umu police kw’isoko nkuru nako ahahoze isoko nkuru, yakubise umuntu ahera umwuka, mw’ijenda naho umukenyezi yaragandaguwe saa sita zo ku murango, umusoda mukuru nawe aherutse gukubitwa izakabwana kandi bokorwa n’imbonerakure za dd. none ngo kwihanira nibibi??? hazaze hahana aba dd (out of justice) ????

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.