IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakuru b’ibihugu batanu bemeje amasezerano y’ikoreshwa ry’ifaranga (...)

Abakuru b’ibihugu batanu bemeje amasezerano y’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe

dimanche 1er Kigarama 2013

Inama yariko ibera mu gisagara ca Kampala, mu gihugu ca Uganda kuva ku munsi wa gatanu, yahuza abakuru b’ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko yasozerewe abakuru b’ibihugu bitanu bigize uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko bateye umukono ku masezerano ashiraho ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza yari yitavye iyo nama yamenyesheje ku munsi w’ejo ku gatandatu igihe yari atahutse ko ayo masezerano yateweko umukono y’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu muryango wa Afrika y’ubuseruko azotangura kuja mu ngiro mu myaka cumi iri imbere. Abateye umukono kuri ayo masezerano ni Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ca Kenya, Paul Kagame, umukuru w’igihugu c’Urwanda, Jakaya Kikwete, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, hamwe na Yoweri Museveni, umukuru w’igihugu ca Uganda.

Muri iyo nama igira cumi na gatanu ihuza abakuru b’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, Petero Nkurunziza amenyesha ko kabaye n’akaryo ku gihugu c’Uburundi, ko gusaba ko n’ururimi rw’igifaransa narwo rwokoreshwa mu manama no mu buzi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, nk’uko bimeze ku ndimi z’icongereza n’igiswahiri.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.