IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abana bikundaniye, abavyeyi bohezagira

Abana bikundaniye, abavyeyi bohezagira

jeudi 7 Munyonyo 2013

Avuga ko adatahura igituma umuvyeyi ashobora kubuza umwana gukunda uwo ashatse. Abana bikundaniye haba hasigaye kw’abavyeyi bahezagira. Uko niko umuririmvyi wahano iwacu Audace Ndinzemeshi yatanze ubutumwa mu ndirimbo yiwe”sinzi ico umpora”.

Yayifadikaje na Plata hamwe na Generencha Bidondo. Ariko rero abavyeyi barashobora kwanka urwo rukundo bivanye n’ingene abo bakundanye bigenza imbere y’abavyeyi eka no mu maso y’abababona bose. Ndinzemeshi arakunze gutanga ubutwa bujanye n’ingo n’imibano hagati y’umugabo n’umugore. Akarorero kari mu ndirimbo yatanguriyeko yise “igendaryawe”, aha yavuga umugore yatanye abana umugabo ngo n’uko amatunga yibaza ko umugabo wiwe afise atariyo yamusanganye. Ubutumwa nk’ubwo haraho bufasha mu gukebura abantu bafise ivyiyumviro bibi nk’ivyo. Ubu naho ariko ategura isanamu y’indirimbo yakoranye n’umunyarwanda Tu 10 iyo bise”midomomidomo”, kuba ururimi rw’igiswahiri barumvako uwo muririmvyi akunda kuririmba ibijanye n’imibano.

Afise amasanu y’indirimbo “Nakwitaji” yatwawe i Doubai na Aino yahora akora indirimbo mu nzu bakoreramwo indirimbo Mayibobo Records, ikibabaje ni uko yayitwaye atamushije inama, kuko yarabuze nahamwe yasubiriye kuyibona.
Aheza asaba abandi basangiye umwuga ko kenshi boza batanga ubutumwa bukenewe kuko burafasha cane narirya indirimbo zumvirizwa na benshi.

.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.