Accueil > Amakuru > Rwanda > Abanyarwanda baba mu gihugu ca Tanzaniya ataruhusha bagiye kwirukanwa
 Abanyarwanda baba mu gihugu ca Tanzaniya ataruhusha bagiye kwirukanwa
 Abanyarwanda baba mu gihugu ca Tanzaniya ataruhusha bagiye kwirukanwa
				
				samedi 3 Myandagaro 2013
Igihe umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete yari mu rugendo rwiwe mu ntara ya Mugombani muri ico gihugu, yatanze indwi zibiri gusa ku banyarwanda baba muri ico gihugu ca Tanazaniya, ariko ataruhusha bafise rwo kuba ku butaka bw’ico gihugu.
Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho kuwa 15 Mukakaro 2013, abandi bagera 19 basanzwe bafise n’utubira tubiri birukanywe muri ico gihugu. Umushikiranganji ajejwe gufasha mu guhagarika ibiza hamwe n’impuzi, umupfasoni Seraphine Mukantabana yamenyesheje bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE co mu gihugu c’Urwanda ko Urwanda rwiteze kubakira. Avuga ati: « Turiteguye kwakira abo banyarwanda bazoba birukanywe mu gihugu ca Tanzaniya, bafise canke badafise ibipapuro, haba igitigiri cabo uko kingana kwose, kuva aho bazoba birukaniwe mu gihugu ca Tanzaniya.
Yongeye ko ati igihe haba ibiganiro hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri, Urwanda rwari rwasavye ko aboba birukanywe ko bohabwa ibintu vyabo basanzwe batunze.
Nibaza ko abo banyarwanda  baba muri Tanzaniya vyari bikwiye ko bataha imbere y’uko babanza kwirukanwa, niko uwo mushikiranganji yabandanije avuga.
Floxella Karire
