IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Kaminuza ntibashima ingingo yo guhagarika agafashanyo (...)

Abanyeshure ba Kaminuza ntibashima ingingo yo guhagarika agafashanyo bahabwa

samedi 4 Nzero 2014

Ishirahamwe ry’abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi ririyamiriza ingingo ya Reta yo gukura agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure bo muri Kaminuza. Iryo shirahamwe rimenyesha ko iyo ngingo izosongera isibe, mu gihe abanyeshure bari bafise amikoro make.

Ernest Nzambimana arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi aributsa ko abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi baba baje bava mu ntara zitandukanye, kandi bafashwa n’agafashanyo baronswa. Muri iryo shirahamwe batangazwa n’ukubona bari basavye ahubwo ko ako gafashanyo kokwongerezwa, ariko Reta yabonye ko inyushu ahubwo kwoba ukugakuraho. Kubwa Ernest Nzambimana arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi, iyo ngingo ntaho itandukaniye n’ukwaka abana b’abakene uburenganzira bwo gushobora kwiga Kaminuza, kuko ab’abatunzi aribo bazoshobora kubandanya biga bonyene.

JPEG - 89.6 ko
Paul Nkunzimana, umukuru w’umugambwe PTD Twungurunani

Ku ruhande rw’umugambwe PTD Twungurunani (Parti des Travailleurs
et de la Démocratie) bamenyesha ko iyo ngingo yo guhagarika ako gafashanyo kahora gahabwa abanyeshure ba kaminuza yobanza kwigwa neza, bagapfuma baraba ibisubirira iyo mfashanyo. Umwigisha wa Kaminuza Paul Nkunzimana, asanzwe ari umukuru w’umugambwe PTD Twungurunani asaba abariko basigura iyo ngingo ko boreka kuvuga ko no mu bindi bihugu ako gafashanyo kahagaritswe, kuko ubuzima atari bumwe. Paul Nkunzimana abandanya asaba ahubwo ko ako gafashanyo kokwongerezwa, abariko bafata iyo ngingo nabo bibuke ko amahirwe y’uguhabwa ako gafashanyo ariyo yabatumye biga amashure ya Kaminuza barayarangiza, ari naco gituma nabo boha akaryo n’abandi bana bavuka mu miryango ikenye, bashobore kwiga nabo.


Egide Nduwimana

Messages

  • iyo mfashanyo irakenewe pe! hano mu rwanda byari bigiye kumera gutyo ariko gitare agira neza ubu abanyeshuli bariga nta kibazo kandi byatewe nuko leta yisubiyeho. rero i burundi habeho reclamation leta y’u burundi izisubiraho. thx

  • Nibazako ubu bagiye kuronka ikibasubiza hamwe!Bamenye bamenyereko ikibahuza ari ishule hamwe baramutse babatse uburenganzira bwo kuronka bourse bazoba bagowe bose.Je suis Hutu et je suis sûr que les premières victimes sont les hutu qui n’ont pas d’Oncle àBujumbura!
    Le président du parti qui leur dit de boycotter les réunions des Organes de représentation des Étudiants ne va pas les héberger chez lui!
    Ubuyoga n’ubu brochette bafyetera nibwo butuma bacanamwo!
    Leta yamye ifise uwo mugambi kuva kera.nditije est auteur du projet deepuis longtemps avec les Buyoya!Ubu bazoryemeza atacamira ko Léonce yahoora yamama atakirimwo!

  • Baravuze ko "uwutaye iseemu yibagira icamwirukana", kandi kwisi ngo hari imbwa zibiri"iyihakana ico yariiye n’iyirya ico yahakaniiwe",,muri abo baantu bariko bafata bongera bashigikira ingiingo yo guciira ku buhoomba no guca umutwe w’ubumenyi urwaruka rwene Burundi, batwereke muri bo uwayahejeje se canke umuvyeyi uwariwe wese atariye ingurube,impene,ibuguma canke ico arico coose kugira ngo baroonke ubumenyi bafise.ivyo ntivyakwiira iyo hataba agafashanyo kavuuye muri izo Leta.none ngo muri iki gihe bicaye mu madiva ngo bacuure!!!!
    Ni agahomera bunwa...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.