IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba kaminuza za Reta bafatiwe ibihano bikomeye

Abanyeshure ba kaminuza za Reta bafatiwe ibihano bikomeye

vendredi 14 Ntwarante 2014

Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Yozefu Butore yafashe ingingo yo kwirukana abanyeshure batanu, mw’itegeko nshikiranganji nimero 610/384 ryo kuwa 13 Ntwarante 2014, abagiriza kuba bagumuye abandi no kuba banditse inzandiko zihamagarira abandi banyeshure guhagarika ivyigwa ata ruhusha bafise, kandi batavyumvikanyeko n’abandi banyeshure mu nama idasanzwe.

Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Yozefu Butore yafashe ingingo kuri abo babanyeshure batanguye yegereyegere kuri mu munsi wa gatatu, muri kaminuza y’Uburundi n’ishure nderabigisha ENS. Abanyeshure batanu baserukira abandi birukanywe imyaka ibiri muri kaminuza, umwaka w’2012 ushira uw’2013, hamwe n’umwaka w’2013 ushira uw’2014. Umwaka w’ishure turimwo w’2013 ushira uw’2014 wafuswe ku banyeshure bose ba kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS.
Ukwiyandikisha gushasha kuri abo banyeshure kukazotangura umunyeshure wese abanje kwiyemeza ivyo azotegerezwa kuzokwubahiriza.

JPEG - 18.2 ko
Joseph Butore, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi

Nk’uko umushikiranganji Yozefu Butore abandanya abimenyesha, ibigo vya kaminuza y’Uburundi, hamwe n’ishure nderabigisha ENS bikaba bigiye kwugarwa guhera kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 14 Ntwarante 2014, bikazosubira kwugururwa kuwa 24 Ntwarante 2014. Mu zindi ngingo zafashwe, n’uko kubasanzwe bahabwa agafashanyo bazokaronswa babanje kubakat amafaranga angana n’iminsi bazoba bamaze muri yegereyegere. Uwo mushikiranganji yasavye ubuyobozi bwayo ma kaminuza yose gushira mu ngiro izo ngingo.

Abanyeshure birukanywe akaba ari Epitas Ndayambaje, Arakaza Arsène, Ndereyimana Innocent, Simoni Mariya Rurasuma, hamwe na Dusabe Bernard. Amakuru dukura muri kaminuza y’Uburundi atumenyesha ko abanyeshure batanguye gutekera utwabo bataha.


Floxella Karire

Messages

  • Nta gitangaje!Kuva ryari umurimyi azi ivyerekeye indero!
    Ni bamuhe Ministère ya Agriculture hanyuma areke kwononera abo bana basanzwe barigorewe!Iyo yavuye yahibagiwe kandi iyo ngingo izotuma aba DD basezererwa!Muri 2005 nari muri Kaminuza kandi twarakoze ibishoboka ngo FRODEBU itsindwe kuko yari iturembeje!
    Nosaba abo banyeshule birukanywe guca batangura umugambi wo gusigurira ba mama na ba data bari ku gatumba ko ata neza DD iriko irategura hanyuma buce tuyisezerera!
    Nibazako Imbonerakure zozo bazoziha bourse n’aho abandi batazoronka!

  • abanyeshure nibafatane munda baharanire agateka kabo ntavyo bazobatamika batabirwaniye.ivyovyokwiyandikisha nivyo bama babafatisha urya nk,imbwa ugapfa nk,imbwa

  • nimba reta idashobora gufasha abana bose nibaza ko abakwiye gushigikirwa ubwa mbere ari abana b’abakene,ninaho nca numva ko abaja muri privé simbona icotuma reta ibashigikira kuko "qui veut voyager loin ménage sa monture",hanyuma si on vise l’excellence,il faudrait simplement fixer un pourcentage utayishikanye bizovuga ko adakwiye kwiga kaminuza et par conséquent pas de bourse et enfin planifier quant au sort de ceux qui ne seront pas admis àl’Université pour qu’il y ait moins de mécontents.

  • None kweri mubonako atayindi solution mwotora atariyo kwirukana abo bana erega nimwe muriko muhonvya igihugu . Kandi umwe murabo umunsi urizina azoba ari aho uwamuhanye ari uwonawe azoba arahandi nkubu niyamwihorabizoca bigendagute? Rekana nayo mashavu atagira ifatiro raba ibindi mwokora vyoroherezaumwana wigihugu cacu

  • Ntakintangaje kirimwo pe!Ndibuka basambura ASSER abo twita aba dissidents(imbonerakure n’abakenyererarugamba bo mumakaminuza)bakaja imbere ngo nibayifute amaherezo yategerezwa kuba aya.Ako gafashanyo mwanyumviye bazogaha aba DD bakakima abandi?Ikibabaje nuko abo bariko barafata izo ngingo ubu bize iyo kaminuza barihirwa na Leta.Iyo babaka ako gafashanyo kiriya gihe bari kuba barize ko tubazi aho bavuye?
    Aka kanya baribagiye!
    Ubu ko bagiriwe Ubuntu bakongera bakaja hamwe abo banyeshure ako karyo ntibagapfishe ubusa!c’est maintenant ou jamais!qu’ils soient solidaires kuko ivyo bibazo birabaraba bose!
    Butore nawe naje kurima nico ashoboye barondere uwubishoboye kuko kwugara kaminuza si umuti w’ico kibazo ni bareke kwitoza utunyoni.
    Ndibuka turi muri Kaminuza batwurukana bagaca Baja ku ma radiyo ngo ni muze mwiyandikishe!Uwutabizi arazorondera Edmond Bayisabe canke maître Dieudonne bashirahishize bamwe mu bashingantahe bindyamunyu baserukiye abanyeshure muri kaminuza.
    ubu rero butore n’ibijuju vy’aba dd nkawe bibaza ngo barahejeje gucanishamwo abo banyeshure!
    Wait and see.

  • Mwebwe mwense mukoma induru, nimb ar ubukene,je kwiga nzobarihira!

  • Imbere yo gufata ingingo,ni mube mubanza mwishire mu kibanza c’uwo muyifatiye.Mbega mwebwe mwari gushobora kwiga leta itabahaye Bourse?Hari ivyo leta yari ikwiye kudashiramwo amahera y’igihugu bindi nk’ukugura imiduga izimmvye,ama mission ataco azanira igihugu n’ibindi..............

  • Birababaje kwica ico wokijije!none ko twirukanwe,le 24/03/2014 ntituzogaruka?ahubwo iyo basambura zirya nyubakwa!

  • None ko bafuse umwaka abandi bamaze?muratubariza erega hari abo batafutiye umwaka bazobandanya akazi ukuri kwamye.jeho ngira nzogaruka nzanye umuvyeyi!hahaha!nabiheruka muri lycée ntavuze.

  • Ntagitangaje kirimwo!!!iyo utwaw n’abanyeshamba bakwigisha naw kurijamwo!!C’est la loi de la jungle!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.