Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure bahejeje ibibazo baripfurizanya uburuhuko bwiza muri Kermess (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Kermess > Abanyeshure bahejeje ibibazo baripfurizanya uburuhuko bwiza muri Kermess (...)

Abanyeshure bahejeje ibibazo baripfurizanya uburuhuko bwiza muri Kermess yabateguriwe

vendredi 28 Ntwarante 2014

Abanyeshure bahejeje ibibazo (examens) barateguriwe ihuriro (kermess) ryo kwikura akuya k’ibibazo bari bamazemwo iminsi. Ku rutonde rw’ibizakuba, hari imirwi y’abanyeshure baririmba bakongera bagatamba, udukino, n’ibindi. Bamwe mu baririmvyi bazwi mu muziki w’i Burundi ntibatangwa.

Irakoze Hugues azwi nka Sam Over Mix

Mu ntumbero yo kwipfurizanya uburuhuko bwiza, ishirahamwe rishasha Sam Production rirongowe n’umuririmvyi Irakoze Hugues, azwi kw’izina rya Sam Over, ryarateguye ihuriro (Kermess) igira iremeshwe n’urwaruka ruva ku masomero atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura. Amashure nka Lycée du Lac Tanganyika, Lycée municipal Musaga, isomero EPOKA ryo mu Kanyosha, Lycée Kibenga, eka n’ayandi masomero niyo ari ku rutonde rw’ayaremesha iyo Kermess. Intambo z’ikirundi, iz’ikinyarwanda, z’i Buraya na Amerika hamwe n’indirimbo n’udukino bita Sketchs na Entre-actes nivyo ahanini biza gukorwa n’abanyeshuri bavuye muri ya masomero twababwiye.

Sam Over Mix, umwe mu bateguye iyo Kermess, amenyesha ko intumbero yayo ari gutanga akaryo keza ko kwipfurizanya uburuhuko bwiza ku banyeshuri bahejeje ibibazo. Abandanya avuga ko ari kandi no mu ntumbero yo gushira ku mugaragaro ishirahamwe ryiwe Sam Production rigiye kuzofasha abaririmvyi gutegura ahabera ibiteramo.

Abo banyeshuri ntibatamba birorera, kuko abaririmvyi benshi bo mu Kanyosha bakunze kwita Kany Empire canke Kany City ntibatangwa, aha twovuga Sat-B, Kebby Boy, Dj Jocas, Black-G, Dj Pro n’abandi baza kubafata mu mugongo.

Ivyo birori bitangura kuri uwu wa gatanu w’igenekerezo rya 28 Ntwarante igihe c’isaha zitanu z’umurango, gushika isaha imwe y’ijoro, kw’ishuri ryo mu Kanyosha EPOKA. Kwinjira ni amafaranga y’amarundi igihumbi n’amajana atanu (1500Frs Bu) ku muntu. Ico kunywa no kurya biriho, ntawuhasonzera.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.