IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure basaba Leta kwumviriza ibibazo vy’abigisha

Abanyeshure basaba Leta kwumviriza ibibazo vy’abigisha

samedi 22 Ruheshi 2013

Inyuma y’ihagarikwa ry’akazi ku bigisha, abarundi batari bake barashoboye gusemerera bahamagarira Leta kugira ishobore gukemura ikibazo c’abigisha ariko gushika uyu munsi abana b’uburundi baracari muhira.

Iryo hagarikwa ry’akazi ku bigisha,rirateye umutima uhagaze abatari bake na cane cane abanyeshure ubwabo hamwe n’abavyeyi babo, ari naco catumye dushobora kurondera abanyeshure bamwe bamwe kugira twumve ico babivugako.

Abanyeshure twaganiriye biga mu mwaka w’icumi hamwe n’abo mu mwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye bo kw’ishure Lycee de la convivialite batumenyesheje ko ingorane bafise ari nyinshi kubera ko iryo hagarikwa ryashitse mu gihe bagira batangure ibibazo vy’igice ca gatatu giheze umwaka w’ishure.

Abiga mu mwaka wa nyuma rero barabangamiwe cane kubera ko basanzwe bazokora ikibazo ca Leta kibaha uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza.gushika ubu bakaba baramaze no kudendebukirwa, ntibariko baritegurira ico kibazo kubera ko n’ivyigwa vyo mw’ishure bitarava mu nzira.

Ico basaba Leta n’uko yogerageza ikumvikana n’abigisha kugira itorere inyishu ikibazo c’abigisha hama bashobore kubandanya ivyirwa, Leta niyaguma yica amatwi, inkurikizi zizogaruka kuri urwo rwaruka kandi bashobora kuzoyoberwa kubera ivyo.

Abiga mu mwaka w’icumi nabo kandi ntiborohewe kuko bumvise ko bariko barakosorwa n’abandi bantu atari abigisha babo, ivyo navyo bigashobora gutuma bayoberwa. Igituma nyamukuru boyoberwa ngo n’uko iyo uriko urakosorerwa n’umuntu atigeze akwigisha, mu gukosora akoresha urupapuro ruriko inyishu kandi hari igihe umunyeshure ashobora kwihenda gato canke akishura akoresheje iyindi nzira itari kuri urwo rupapuro.

Ikindi kandi, nko mu gihe umunyeshure kanaka yosanga bihenze mu gukosora, ntibizomworohera kubaza ivyo bihenze kubera ko umwigisha atariwe azoba yabikosoye.
Barangije basaba Leta gufata nkama ibibazo vy’abigisha, babitorere inyishu gutyo abanyeshure basubire kwiga, barangize umwaka neza.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.