IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure batanu bo muri kaminuza za Reta bahora bafunzwe (...)

Abanyeshure batanu bo muri kaminuza za Reta bahora bafunzwe barekuwe

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Abanyeshure batanu baserukira abandi bari bafatiwe mu bibanza bitandukanye bagirizwa ko bariko baburagiza kwiyandikisha, barekuwe ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa kabiri.

Sentare ikukira Mairie ya Bujumbura yarafashe ku munsi w’ejo ingingo yo kurekura abanyeshure batanu baserukira abandi muma kaminuza ya Reta. Abo banyeshure bari bamaze iminsi itandatu bafungiwe mu gasho k’igipolisi c’inyamiramabi kw’i Jabe.
Inyuma y’urubanza rwamaze amasaha ane, iyo sentare yabambitse izera, kuko ivyaha bagirizwa bidafashe.

Umwe mu banyeshure baserukira abandi muri zo kaminuza za Reta, Epitas Ndayambaje, arashima irekurwa rya bagenzi biwe, kanatsinda ntacaha na kimwe cagira abo banyeshure, nk’uko bibandanya bivugwa n’uwo munyeshure, kuko mu gitabo mpanavyaha nta na hamwe handitse icaha co kubuza abandi kwiyandikisha. Abo banyeshure mu gihe ata n’ibirwanisho canke izindi nguvu boba barakoresheje mu kubabuza.

JPEG - 576.9 ko
Umwe mu banyeshure baserukira abandi muri zo kaminuza za Reta, Epitas Ndayambaje

Abo banyeshure baserukira abandi bavuga ko ahubwo wari umukenyuro w’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi wo gushaka kubagirako iterabwoba, kugira ahunge ibiganiro bariko barasaba.
Abo banyeshure n’ubu imvugo iracari ya yindi, ntibarota bagira ibiganiro, ingingo bafatiwe zidahindutse, kuko baramutse baje kwiga bazoca bategerezwa gukurikiza amategeko bazoba bateyeko umukono, ayo nayo hakaba harimwo ya mategeko abiri asubiramwo ingene agafashanyo kagiye gutangwa, bakaba basanzwe bariko barayiyamiriza.

Abo banyeshure barashima kandi ivyaraye bishikirijwe n’abagisha bahurikiye muri sendika STUB (Syndicat des travailleurs de l’Université du Burundi), ko hoshirwaho umurwi wigenga uhurikiyemwo bose ugizwe n’abigisha, abanyeshure, hamwe n’abarongoye kaminuza y’Uburundi, kugira bicare hamwe bagire inama ku kibazo kiri muri izo kaminuza za Reta. Ariko rero, bavuga ko bovyemera mu gihe bosanga abahurikiye muri uwo murwi ari abantu bemera, kuko ahabo batigeze banka ibiganiro.

Tubibutse ko ikiringo c’ukwiyandikisha ku banyeshure biga muma kaminuza ya Reta caraye kirangiye, kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 1 Ndamukiza. Kuri uno wa gatatu naho, niho hari hategekanijwe ko abiyandikishije batangura ivyigwa, ariko rero mu mashure nta n’inyoni ikakaza. Ibitigiri vy’abiyandikishije bose hamwe ntibirashirwa ahabona n’ababijejwe.

JPEG - 1.1 Mo
Abanyeshure ntibitavye akamo ko kuja gutangura ivyigwa

Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.