IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo kuri “Don de Dieu” barahimbaje umunsi bahariye umuco (...)

Abanyeshure bo kuri “Don de Dieu” barahimbaje umunsi bahariye umuco n’akaranga

dimanche 10 Ntwarante 2013

Kuri uyu wa gatandatu kw’igenekerezo rya 9 ntwarante 2013 kw ‘ishuri ryisumbuye rya Don de Dieu riri mu Cibitoki ca Bujumbura harahimbajwe umunsi wahariwe umuco n’akaranga kuri iryo shure.

Ishure rya Don de Dieu ryatanguye mu mwaka wa 1970 rikaba ubu rigizwe n’ishure ry’intango, rikagira igice ca mbere c’amashuri yisumbuye n’igice ca kabiri kigizwe n’igisata c’ubuhinga nico ubutunzi.

Nk’uko umuyobozi w’iryo shuri Mirenge Henry B. yabivuze, uko umwaka utashe baratunganya umunsi bahariye umuco n’akaranga, abanyeshure bakerekana imico yibihugu vyabo kuko hasanzwe higa abanyeshuri bava hirya no hino nko mu Rwanda, Tanzaniya, kongo ndetse n’abarundi bo bene gihugu.

Icatumye uwo munsi bawushira kuri uyu wa gatandatu, ngo harimwo no kugirango abanyeshure baruhuke mu mutwe bazotangure ibibazo batekanye kuko bazobitangura kuri uyu wa mbere igenekerezorya 11 ntwarante 2013.

Ico giteramo cari citabwe n’abantu benshi cane cane abanyeshure basanzwe biga kuri iryo shure, ndetse n’abenyagihugu baba aho ishuri riri bari baje kuratira ijisho.

Ico giteramo cari kigizwe n’intambo zitandukanye bivanye n’igihugu abatamba bavamwo ,harimwo kandi indirimbo zitandukanye z’abaririmvyi,harimwo amazina muyerekana imico n’akaranga bitandukanye,harimwo n’ivyivugo vyose bigaruka ku mico n’akaranga.

Ivyo vyose vyari biryoheye amaso n’amatwi y’abavyitavye ku buryo basavye ko ku mashuri yose uwo munsi woza urahimbazwa kuko biri muri bimwe vyongereza ubumwe bw’abanyeshure mbere bakidagadura bakahakura inyigisho nyinshi zo mu buzima bwa minsi yose.


Joel sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.