IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi na nderabisha ENS barabandanya (...)

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi na nderabisha ENS barabandanya yegereyegere

lundi 26 Rusama 2014

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS ntibarasubira mu mashure, bakaba bishuza agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Ndamukiza na Rusama.

N’aho mu buyobozi bujejwe agafashanyo n’imyimenyerezo bijeje abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS, ko agafashanyo bishuza kagiye kuboneka muri ino ndwi, kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 26 Rusama, abo banyeshure ntibize. Abigisha bari batonze ariko abanyeshure bariko bakora ibibazo nibo bonyene bagiye mu mashure.
Ariko rero n’aho bishuza ako gafashanyo ka Ndamukiza na Rusama, mu buyobozi bujejwe ivy’agafashanyo n’imyimenyerezo, nk’uko bishikirizwa na Denise Rukundo umuyobozi w’igisata c’agashanyo n’imyimenyerezo, abo banyeshure bazoronswa agafashanyo k’ukwezi kwa Rusama gusa kuko ukwezi kwa Ndamukiza batakwizemwo, kuko bari bahagaritse ivyigwa. Iyo ngingo y’ukubima agafashanyo kw’ukwezi kwa kane abo banyeshure bayamirira kure, kuko kubwabo batagengwa n’amategeko y’abakozi n’akazi, kandi ko n’amafaranga bahembwa ari agafashanyo.

Tubibutse ko abo banyeshure bavuga ko badashoboye kuja mu mashure kuko bamwe bavuga ko inzara ibarembeje, abandi nabo bakavuga ko bariko barirukanwa mu mazu basanzwe bapanze.
Abo banyeshure basaba ko bobaronsa ako gafashanyo k’ukwezi kwa Ndamukiza n’ukwezi kwa Rusama, gutyo bashobore gusubira mw’ishure.


Floxella Karire

Messages

  • komera mwa bayobozi b’igihugu bo muri kazoza.
    C’est assidûment compréhensible de réclamer vos droits.

  • ABO BANYESHURE NIBABATUNGANIRIZE KUKO NIVYO BAVUYE MURI GREVE BUMVIKANYE ATARUKWO ABAVYEYI BABO BOMENYA KO LETA IYAGA AMASIGARACICARO.

  • Aho muracafise ico murindiriye?abarimu,abaganga Ena nabandi mutobewe ntibayaguuuuye bakabura ikibumva,rindira gato bamanze babacemwo kabura canke gatanunu ibuka ico bakoreye ama syndicat,ntiba avisa grève bibaza ngo barikumwe munyuma ntihavutseamasendika parallèle bose babona.!rindira namwe muzobibona,iherezo ryabo ni représentant nyakuri des etudians.Amosozi y’uduswi ntashikira akayabagu kinkona.zirye zose neza hehe????

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.