IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bahagaritse yegereyegere

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bahagaritse yegereyegere

lundi 5 Nzero 2015

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bafashe ingingo yo gusubira mu masomero inyuma y’iminsi irenga icumi bahagaritse ivyigwa.

Abanyeshure baserukira abandi bakaba bamenyesha ko bafashe iyo ngingo inyuma y’inama bagiranye n’icegera c’umuyobozi wa kaminuza y’ Uburundi yabaye kuwa 30 kigarama, aho yashinze ko abasirikare bamaze gufatwa ko bagavye igitero bohanwa hama bakabandanya amatohoza yo kurondera abasigaye. Mw’itangazo basohoye kuri uno wa gatandatu ritewe ko igikumu na Simoni Mariya Rurasuma, aserukira abanyeshure bo muri kaminuza y’ Uburundi bakaba bateye akamo bagenzi babo bari birukanywe mu bigo vya kaminuza kuvyinjira guhera kuri uno w’ Imana igenekerezo rya 4 Nzero, abari baduze nabo bakagerageza gushika ku mashure kuwa 6 Nzero uno mwaka ari nawo munsi imirimo nyezina izotangurirako.

Tubibutse ko imvo zatumye baja muri iyo yegereyegere, n’uko mu gihe bariko bakira abanyeshure bashasha muri kaminuza y’Uburundi, habaye ukutumvikana ku munyeshure yari aje ava muri kaminuza ya gisirikare ISCAM (Institut Supérieur des Cadres Militaires), aho yavuga ko yoja mu bakira abandi, muri kaminuza y’Uburundi nabo bakamubwira ko atabifitiye uruhusha. Ukwo kutumvikana kwakweze ugutana mu mitwe, mu nyuma abo banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bahavuye barwana n’abandi baje bava muri ISCAM, baharurwa muri mirongo ine. Abanyeshure bagera kuri 23 akaba aribo bakomerekeye muri izo ntureka. Simoni Mariya Rurasuma, aserukira abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi akaba yavuze ko babonye umenga ico kibazo kiriko gifatwa nk’igisanzwe, ari naco gituma bafashe ingingo y’uguhagarika ivyigwa, kugira basabe ko abo banyeshure bo muri ISCAM bateye abo muri kaminuza y’Uburundi bohanwa, kugira ntihahave haba ukwihorana hagati y’abanyeshure, kwokwega izindi ntureka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.