IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza za reta barindiriye ko ingingo bafatiwe (...)

Abanyeshure bo muri kaminuza za reta barindiriye ko ingingo bafatiwe zifutwa

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Abanyeshure biga muri kaminuza za Reta bizeye ko umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi ahava afata ingingo yo guhagarika rya tegeko risubirwamwo itangwa ry’agafashanyo, kandi yongere afute ingingo yo kwirukana abanyeshure batanu baserukira abandi.

Ikiringo c’ukwiyandikisha kuri banyeshure biga muma kaminuza ya Reta caheze kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 11 Ndamukiza. Gushika n’ubu, ibitigiri vy’abitavye akamo ko kuja kwiyandikisha ntikirashirwa ahabona n’abasanzwe babijejwe. Nk’uko twagiye turabikurikirana, n’aho ibitigiri vyose hamwe vy’abiyandikishije bitarashirwa ahabona, abanyeshure bitavye akamo ko kwiyandikisha bari bake cane, mu gihe amakaminuza ya Reta afise ibitigiri vy’abanyeshure barenga ibihumbi cumi n’umunani.
Gushika n’ubu, abo banyeshure basaba umushikiranganji guhagarika ingingo zibiri arizo, itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 12 Ruhuhuma nimero 610/212, hamwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu nimero 100/07 ryo kuwa 14 Nzero, yose asubiramwo itangwa ry’agafashanyo, nk’uko bishikirizwa na Epitas Ndayambaje, umwe mu basanzwe baserukira abo banyeshure.

Abo banyeshure babandanya basaba gufuta ingingo yafashwe n’umushikiranganji yo kwirukana abanyeshure batanu baserukira abandi muri kaminuza mu kiringo c’imyaka ibiri. Ivyo basavye bikaramuka bigenze uko, abo banyeshure bemeza ko ata kabuza baca basubira mu mashure, hama ibiganiro bibe mugabo izo ngingo zahagaritswe, nk’uko Epitas Ndayambaje abandanya abishikiriza.
Gushika n’ubu, bararindiriye ico umushikiranganji ahava ashikiriza.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.