IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri za kaminuza bahumurijwe

Abanyeshure bo muri za kaminuza bahumurijwe

mercredi 24 Nyakanga 2014

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Joseph Butore amenyesha ko abanyeshure biga muri kaminuza mw’itunganywa rishasha rya BMD batogira impungenge ku bijanye n’urupapuro rw’umutsindo bazoronswa.

Butore avuga ko hari abarundi benshi bize mu makungu, ndetse bafise izo mpamyabushobozi, bagarutse mu Burundi, igisata kijejwe inganisha ry’impapuro z’umutsindo cabatunganirije. Ivyo umushikiranganji akaba yabivuze mu gihe abanyeshure bo mu makaminuza atandukanye bamenyesha ko batabona ukwo urupapuro rw’umutsindo bazoronswa ruzitwa, mu gihe umurwi wa mbere uriko urasohoka muri kaminuza.

Abo banyeshure rero bakaba basabwa n’umushikiranganji kwiga umutima uri mu nda, mu gihe ubushikiranganji ndetse na Reta, batazoreka gutanga ubuzi kuri abo banyeshure bazoba bahejeje amashure muri BMD, nk’uko n’abandi bose baronswa ubuzi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.