IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura: Siriviya Kinigi n’abandi bakenyezi ba UFB batewe ivyuka bikoroza (...)

Bujumbura: Siriviya Kinigi n’abandi bakenyezi ba UFB batewe ivyuka bikoroza amosozi

samedi 8 Ntwarante 2014

Ivyuka bikoroza amosozi nivyo vyatewe abakenyezi bari mu muhari w’Abarundikazi UFB basanzwe begamiye umugambwe UPRONA, igihe bari mu rugendo bibuka imyaka 47 bamaze babayeho, bari kumwe na bamwe mu bashingamateka n’abandi badasigana.

Inyuma y’ijambo ry’umushingamateka Karori Nditije asanzwe arongoye UPRONA itemewe na Reta co kimwe na Langida Nibogora arongoye uyo muhari wa UFB ku rwego rw’igihugu, abo bakenyezi bakaba baciye bipfuza kuja ku Mugumya, ariko barankirwa n’igiporisi kuhashika. Abo bakenyezi bakaba baciye bahitamwo kudugana ibarabara rica imbere y’ihoteri Waterfront yahoze yitwa Nivotel, ariko abaporisi naho nyene barabankira, barongowe na komiseri Beltin asanzwe arongoye igiporisi mu ntara z[’Uburengero, barababuza kubandanya urwo rugendo. Abo bakenyezi rero, bakaba bavuga ko bariko barataha, ata mpamvu n’imwe yo kubuzwa gushikira amabisi.

Inyuma y’akanya gato, hari izo mpari hagati ya bamwe mu bashingamateka n’abaporisi ku bijanye n’urwo rugendo, abandi bakenyezi n’abo b’imboneza muri uyo muhari UFB nka Siriviya Kinigi yahoze ari umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Merikiyori Ndadaye, bariko baraha ikiganiro abamenyeshamakuru ku cuka kibi kirangwa mu gihugu, abaporisi bakaba baciye babugururiramwo ivyuka bikoroza amasozi muri abo bakenyezi, bamwe muri abo bapfasoni bararwa hasi, abandi baravunika, abandi nabo barafatwa bajanwa n’imiduga y’igiporisi.

Siriviya Kinigi yahoze ari umushikiranganji wa mbere kuri Ndadaye Merekiyori

Siriviya Kinigi yahoze ari umushikiranganji wa mbere, amenyesha ko uyu munsi ushitse hari ingorane zidasanzwe, aho umugambwe wabo weguriwe abandi bantu, kandi bo bari bitoreye indongozi zibarongora. Uwo mukenyezi avuga ko ataterambere rizoboneka, mu gihe umukenyezi agicinyizwa, abuzwa gushikiriza iciyumviro, canke akabuzwa amategeko amugenga. Akaba yaneguye iyo nyifato y’igiporisi, aho avuga ko ingoro yo ku Mugumya ari iy’Abaporona, atari ikirindiro c’igiporisi.

Christine Ntahe (aho mwomenya ko atari Christine Ntahe asanzwe azwi kw’itazirano rya Maman Dimanche), nawe nyene ari mu batewe ivyo vyuka, avuga ko ari akamaramaza, aho abaporisi bashobora gukubitamwo ivyo vyuka mu bakenyezi kandi ku munsi mukuru wabo. Avyutse aho yamaze akanya aryamye hasi kuko impemu zari zamujanye, yabariye ikinyamakuru IGIHE ko bababaye cane, kubona ku munsi w’igenekerezo rya 8, amakungu ariko ahimbaza umunsi w’umukenyezi, bo bawuhimbaje batewemwo ivyo vyuka n’igiporisi. Nayo Conciliya Nibigira bagiriza ko ariwe ariko abakorera ibi vyose, abo bakenyezi bamusaba kwibuka kwikubita agashi amazi atararenga inkombe, akareka guhendwa, kuko amaherezo y’ibarabara ari mu nzu. Bamenyesheje ko hamwe yokwigaya, agasaba ikigongwe, atacobuza ko asubizwa muri UPRONA.

JPEG - 34.6 ko
Christine Ntahe (atari umwe batazira "Maman Dimanche") ari mu batewe ivyo vyuka.

Uwo mupfasoni wo muri UFB, agatangazwa n’ingene, n’abashingamateka bari aho, canke bamwe mu bahoze ari abashikiranganji nka Siriviya Kinigi canke Lewokadiya Nihazi yahoze ari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru bari aho babitewe, akibaza ingene, umurundi nyarucari we abayeho, n’ingene afatwa n’abaporisi.

Tukabamenyesha ko urwo rubanza rw’abo bapfasoni bari mu muhari w’Abarundikazi UFB n’abari baje ku bashigikira, rwarangiye ari amarira gusa, kuko baciye bashwiragira bamaze guterwamwo ivyo vyuka vyokera, barabura iyo baja n’iyo bava. Abandi batorohewe, akaba ari abanyagihugu bariko bararengana, bari mw’ibarabara ryitiriwe boulevard ya UPRONA, bose bakaba batewe ivyo vyuka, atagucagura, abariko barivuna umusase mu mazu y’uburiro ari kuri iryo barabara, canke abari mu mazu yo kwivuniramwo umusase.

Lewokadiya Nihazi yahoze ari umushikiranganji

Aristide Nizigire

Messages

  • Ibiba mu burundi jewe ndababwiye ko ari agasema muzoba mubibona.

  • Emwe bibagiwe ko ba nyina arabagore nibara

  • Courage ba Maman nta mvura idahita! Ariko sinumva ukuntu igipolisi cama buri musi cakoze iryo shano ryo kwokereza abantu ivyo vyuka? Ese boba bafise amakosha ho niwo muti? Ivyo ntibibahesha agateka kweli.

  • nonaho umugabo ninde?umushingantahe ninde? icitazi ninde...?munyishure.

  • oya ni sawa nibawote.igihe bari muri leta amabi yakorewe abanyagihugu barorera arengako ntibavuze nakimwe.none ivyuka gusa batere induru?Rusizi,Ruvubu,Gatumba,...ntibar’abantu kuko batabaye abashimiranganji canke abashingamateka?ubunwa burya butaguha bukoma induru utumva.

  • turabakeje mwebwe mwatwibarutse. twakuze batwigisha gusonera abavyeyi bacu, none ubu ibintu vyarabaye akayobera bahinga aho mu gihugu badasonera abtwibarutse. komera UFB, wamye ugwanira intahe yo kwishira no kwizana. Nta mvura idahita, warapfunwe ntiwapfuye.

  • Igipolisi ngira gifise usine yo gukora ivyo vyuka kuko buri gihe babitera bidakenewe. None ko umutekano utari wahungabanye babiterera iki? Iyo babaherekeza gusa kugira bababuze ivyo bonana vyari kubatwara iki? Jewe nibaza ko mu ba polisi nabo nyene harimwo abantu benshi barwanya Leta hanyuma bakaba bipfuza ko igira image mbi hanze mu makungu!!!!
    Mwa ba polisi mwe, nobahanura kureka abantu bakigira mu ma barabara mu gihe ataco bamenaguye.

  • Jewe nibazako umuntu atekanye ari mw’ibarabara akaba ataco yononye ko akwiye ahubwo guherekezwa neza akava aho agiye agashika aho aja!aho ntuye mbona abafise Umunezero canke umubabaro bagomba kugerageza ko baja mu ma barabara bagaherekezwa na Police kandi amabarabara akugarwa naho boba bariko biyamiriza uwubatwara!None wumva turiko tuja hehe?Ubwo abasigaye gupfa bo muri bamwe 666 numva bakenewe kugira mandat ya gatatu ishoboke ntibazohava bava muri UPRONA?NDATINYA kw’ibara rizohava rigwa!

  • Ariko ga yemwe ivyo bintu birateye isoni!!!!!!!ko bari bagiye gufata ama bus ngo batahe,ntibari kubareka bakitahira!!!!!

  • Nakamuna,ahubwo jew nibazako abo ba Police atandero bahawe,ikindi naco nibajijeko abo ba Police bibagiyeko bavyawe n’abagore canke bo ngira Ntibavyawe nabakenyezi!ababikora bose bihanure!

  • MUSAZE TUZOHEKENYANA ,NTAWUFISE INDA IKOKOROKA,MWEHO MBONA MUSHAJE.

  • Jewe ndababwiye ko batakomeye mutitwe kutera ivyuka abagore batafise ikintunakimwe barimwibarabara banezerewe mugihugu cabo, babo Ba DD bibaza ko bakiri mwishamba bitateye isoni

  • uvuze ukuri n’agasema aho abo bapolisi batabona ko boba bariko bakubita abangana na ba nyina babo!

  • Aba CNDD FDD nashaka ndababwire ko naho bogira gute ntituzopfa twemeye Umuhemu Conciliya, bariko barasa abadasigana n’aba Msd, aba parlementaire bariko baterwa ama grenades lacrimogènes, l’ancien premier ministre murabona uko bamukubaguye, n’ayandi mabi bakora. Le CNDD FDD doit être àgenoux en moins de 2 ans, vyose vyanse : des étudiants sans bourses d’études, des commissions pour les investisseurs potentiels, ..... Naho GACIYUBWENGE avuga nibaza ko atazo maîtriza la réaction d’un Major abonye Nyina wiwe ariko arakubagurwa n’Imbonerakure z’aba Policiers bamukura agahuzu mw’ibarabara kumurango.

  • Bari kubabazwa nivyuka twebwe abavyeyi bacu bishwe naporona ntiduhoze ahubwo babuze gupfa.

  • Bari kubabazwa nivyuka twebwe abavyeyi bacu bishwe naporona ntiduhoze ahubwo babuze gupfa.

  • Je narabarekuriye aba dd , nta mutima bagira. rien d’étonnant. Courage l’UFB, UPRONA et Ikibiri, tuzozitsinda izo ntozo zizi gutera lacrimogène no gusafisha gusa. Igihugu carabananiye gutwara, ni mureke ababishoboye barabe ko botuzamura.

  • ya nkoto ngo ni denise bucumi nagaruke asubire adahwe ngo yitaye kw’iterambere ry’abakenyezi

  • KING of band wewe uri ncabwenge kweri ?!%0 mbega urazi ko Nkurunziza yari umu JRR etc none barya bafasoni nibo bakwiciye $_%. Raka ndakwishure wuve ingene bibabaza uzoba umbarira (Micombero komera wakoze neza mukwica abavyeyi ba KING, aho nisawa kuri wewe king)

  • Nibara!!none abo bapolisi nukuvugako babikora batabizi!?ubwo iyo babaherekeza bakarabako harico bonona gusa!ivyo vyuka ngira ntibugurwa amafrang

  • Ubutegetsi bw,i burundi burarye buri menge. L,histoire se repete. Ibuka uko intambara yatangujwe nibi
    bimenyetso
    nkibiriko biraba
    hona mu burundi
    Rwanda,cote d,ivore, Syria, sudan,Egypt. ...
    N
    Abarundi
    ntidukeneye ubutegetsi bwo
    hwihorahorana. Bakeneye
    ubutegetsi butuma
    igihugu gutera mu
    nzego zose uko
    zingana.ico nise la
    Democratie dans
    tous les institutions publique et prives.abahutu bose iyobava bakagera bazogira amahirwe yo kurongora uburundi nibakora nkivya abatusi varongoye uburundi babigenje, ntaterambere tuzogerako. Peter,bera urugero rwiza abandi bahutu first, ssecondly, abatutsi.twereke isi n,amakungu ko tutagiye kurwana dushaka amaronko,ahubwoko twogwanira democratie nyakuri.imagine wewe peter amaraso aramenetse bitewe ni uko cnndd ushaka kuguma kubutegetsi ari uko icinyije iyindi migambwe iyibuza kwitoza, yamashure , amazu yubatswe muvyo mwosahuye agasenywa,vyangeye, nawe ukahaburira ubuzima be n,umuryango wawe kimwe b,abandi dd,umugambwe wanyu ugaca ugenda amazimayongo ,mwoba mwavunikiye iki?
    You need to care about your people..am hutu , you are in a wrong position About what we fought for.You won aalready, dont lost this victory for quitting an idea for your third president candidate.

  • @Le 08 mars journee internationale de la femme@

    Un vrai stratege joue avec le timing pour gagner ses batailles.Il fait toujours adapter les tactiques et les strategies aux situations nouvelles.Si on repete les tactiques victorieuses du passe ,on court le risque de trouver un adversaire plus aguerri,qui aura passe le temps a etudier votre strategie et comment y faire face convenablement.Chaque situation ,pour un bon stratege est unique et merite une strategie unique!!

  • Aba CNDD bataye umutwe sibo ivyobakora birarenze Nzobonariba asubire vyabijambo vyiwe bitaryoheye amatwi mukwifatira mugahanga abatavugarumwe na Leta y’ubwicanyi , ubusuma , irementanya , amakunguarabira hafi ivyomukora hama mugata ishavu kuri oppositionahandi Police niyo gucungeraumutekano mugabo mu Burundi police niyo gukubita umunyagihugu

  • WEWE WIYITA NWARI JUST LISTEN TO ME UWUTAZI UBWENGE ASHIMA UBWIWE ET TOI AUSSI I THINK U ARE CLEVER OLSO IF NOT TWESE KUNTWARO YABAGAZA NABUYOYA NIHO NARI NCHIYE AKENGE TWARI ABA JRR ARIKO NTITWARI TUZI IVYO ARIVYO A SAVOIR QUE PETER SE YISHWE NABAPORONA BAMUNIGISHIJE IKARUVATI FOR ME TWARAMENYEREYE KUKO TWARABO KWICWA WEHO BITE?JUST THINK IF U’VE A MIND

  • Ewe King of Bad,mbe kurira ngo bakwiciye abavyeyi,Peter,afise leta,afise parlement,afise senat,afise FDN na PNB,n’imbonerakure,yabuze umuvyeyi 72 !none atinyira iki CVR ngwimurenganure hamwe namwe mubone kumenya ababiciye ngo babashengeze???!!!Mbe Ndadaye ko ari yatwugururiye inzira ya Demokarasi mama ngo intwaro rusangi niya Baporona,urubanza rwiwe rugeze he inyuma yimyaka hafi cumi mutwara??Habuze iki?komwumiye kumubabaro wanyu ukamenga abandi ntibabuze?Ivyububutegetsi nakayobera bahinga,umuhutu yishe umuhutu umenga birarekuye,aba FNL mwamaze bazobazwa Micombero,mbe nta Bavyeyi bafise,nta bagore bafise,mbe abana babo bo bazobibaza nde?Bamwishira mukibanza cabandi hama ni bashire ho CVR,tubone kuja mubindi tuve muvyo gucura intimba!

  • abarundi twaridukwiye kwikubitagashi tukubakigihugu catwibarutse tukareka guteranayadashika

  • abarundi twaridukwiye kwikubitagashi tukubakigihugu catwibarutse tukareka guteranayadashika

  • abarundi twaridukwiye kwikubitagashi tukubakigihugu catwibarutse tukareka guteranayadashika

  • abarundi twaridukwiye kwikubitagashi tukubakigihugu catwibarutse tukareka guteranayadashika

  • abarundi twaridukwiye kwikubitagashi tukubakigihugu catwibarutse tukareka guteranayadashika

  • abarundi twaridukwiye kwikubitagashi tukubakigihugu catwibarutse tukareka guteranayadashika

  • abarundi twaridukwiye kwikubitagashi tukubakigihugu catwibarutse tukareka guteranayadashika

  • abarundi twaridukwiye kwikubitagashi tukubakigihugu catwibarutse tukareka guteranayadashika

  • abarundi twaridukwiye kwikubitagashi tukubakigihugu catwibarutse tukareka guteranayadashika

  • Bumwe wavuze neza kweli! Naje ndabishima pe! Nibabibatere gose gose niho bazobona ko: wigisha umwana wuwundi kwenda bwaca akenda nyoko! Rusizi,Ruvubu,abahambwa mumasashe ntaco bavuze. Komera PNB naho mwatwishe mukadufunga ataco tuzira nkeshwe abo bihereza amabarabara!

  • Aba mbona bandika comments z’amacakubiri aha ku rubuga baratahura democratie ico ari co? Tuvuze ngo abahutu nabo bice abatutsi nkuko nabo babishe ku ntwaro ya UPRONA kubera ko bitwaje kubu aribo bafise ubutegetsi, abatutsi nabo basubiye ku butegetsi bakagira uko bizoherera he? Turakwiye kuva i buzimu tukaja i buntu tukamenya ko bitazokwigera bikunda ko Uburundi buba ubw’abahutu gusa canke abatutsi gusa kubw’ivyo dukwiye kurabana ryiza. Ahandi naho n’abakenyererarugamba bo muri CNDD FDD imisi mikuru nkiyo mbona bayikora ariko nta lacrymogene babatera, kubw’ivyo ndibaza ko ari n’ingorane ya police itazi quand bakoresha birya vyuka. Bareke imigambwe yose ije ku rubuga mu gihe idahungabanije umutekano. Koko Democratie y’umugambwe umwe ntibaho ni nkuko equipe yoja muri terrain yonyene gukina football navyo bidakunda.

  • mbega kombona abantu bose bavuga ibitandukanye bamenye ko atahandi bazotorera umuti atari mumwumvikano ariko inyifato yigiporisi iragayitse cane namwe mwandika mwirinde gucanishamwo abarundi nta muhutu ntamututsi nta mutwa bose nibamwe ahubwo twubak igihugu.

  • mbega kombona abantu bose bavuga ibitandukanye bamenye ko atahandi bazotorera umuti atari mumwumvikano ariko inyifato yigiporisi iragayitse cane namwe mwandika mwirinde gucanishamwo abarundi nta muhutu ntamututsi nta mutwa bose nibamwe ahubwo twubak igihugu.

  • Erega basha muduca umutima!!None muriko musubiriza mu nkoko Uprona canke muriko muratunganya neza i Gihugu?Ivyo muhaya sivyiza iyaba muzi igise ingene kibabaza canke kuba umupfakazi ntimwavuga ivyo.Duhe amahoro basha muyage ivyubaka!!!!!!

  • Murakoze kuri izo nkuru mwatanze mwebwe aba UFB,mugabo nshaka mumbwire ko uwo musi mukuru wari uwo aba UFB ba Uprona gusa canke ko wari uw’abakenyezi bose b’abarundi n’ibindi bihugu vyose?Rero kubona Polisi yarakoze ico gikorwa ciza, n’uko yabonye aba UFB bafise izindi ntumbero mbi cane,rero turakeje aba polisi ku bikorwa vyiza bama bakora mukwamirira kure abashaka gutera akajagari mu gihugu.Jewe nibaza ko igihe Uprona yatwara atabiha amabarabara atari "Amasekanya" gusa,rero nico gituma habaye umusi mukuru wa bose ugashaka kuwuzanamwo ibindi bitera akajagari,utegerezwa guhanwa bikwiye.

  • Mbega iyo photo y’uwo mukenyezi yitwa Christine Ntahe wewe n’uwahe? Wa mugiraneza yirirwa ariruka inyuma y’abana bo mw’ibarabara kandi akabafasha, kandi azwi mu burundi bwose no mu makungu yitwa nawe nyene Christine Ntahe. None ko umengo iyo photo si rwiwe??? Namba ar’uwo bitiranwa kuko urya mugira neza jewe ndamaze k’umubona kandi ndamuzi, ntamugambwe n’umwe arimwo. N’ukuri kose iyo photo y’uwo mukenyezi yitwa Christine Ntahe s’ iphoto yawamugiraneza yitwa Christine Ntahe dusanzwe tuzi.

  • Ewe twese tur aban b’Imana jew ivyuburundi vyandenz namasengesh 6k?musenge kwer

  • mbega iyo photo y’uwo mukenyezi yitwa Christine Ntahe wewe n’uwahe? Wa mugiraneza yirirwa ariruka inyuma y’abana bo mw’ibarabara kandi akabafasha, kandi azwi mu Burundi bwose no mu makungu yitwa nawe nyene Christine Ntahe. None ko umengo iyo photo si we!! Namba ar’uwo bitiranwa kuko urya mugira neza jewe ndamaze kumubona kandi ndamuzi. Ntahantu na hamwe yegamiye muri Politike. N’ukuri kose iyo photo y’uwo mukenyezi yitwa Christine Ntahe s’ iphoto yawa mugira neza abarundi n’abanyamahanga basanzwe bazi yitwa Christine Ntahe.

  • umuntu wese azobazwa ibyo yakoreye mwiyisi imana ntizoraba ibyomwiyunvira mugihe wica mugenzi wawe wibazako uriko urakorera ubwoko bwawe icyiza mbega mwiyunvirako imana izorengutsa abahutu cange abatutsi ngo bagirizanye ibyo bagiraniye ?

  • KING sorry msge yawe ndayibonye ntevye mugabo ntiwanyishuye ubu ndamenye uwuriwe uvugira Nkurunziza uzigute ko papa wiwe bamwivishije ikalovati
    Ikibazo ncanje nubu ndakubaze nimba utarinkoziyikibi no kugumura abantu wewe ubwawe wabuze nde yishwe na baporana uzoba ukoze unyishuye

  • Nkurunziza gerageza ureke ihonyabwoko kukonakare abobamamawacu abeshimuribo ntanabafasha bifitiye mwarabamaze bihimbarize umusi mukuru wabo kandi mureke nokwivanga mumugambwe wabo kuko simwe mwawubahaye bawuhawe na Rwagasore turabizi kusanzwe uri numwasi wa Rwagasoro nubwoko bwiwe

  • ndahojeje abo ba maman bacu mwihangane,mukomeze gusenga.uko biri kose abo babatera ama climogene harimwo abangana n’abana banyu.mugabo ico mwahowe nakaranda kari muri ministere de l’interieur ko guha umugambwe uwashatse,bitayeko mwari mwambaye impuzu za uprona,kandi bariko barayirwanya mugabo bibuke ko ariyo yakuyeko abarundi intwaro ya gikoroni,ndazi naho benshi bafatira kuvya kurikiye mu kirundi bavuga ngo intibagira ntibana,kwihora ntaho bizoshitsa uburundi n’abarundi atari agahinda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.