IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abari mu masendika STEB na SYNAPEP bahagaritse yegereyegere

Abari mu masendika STEB na SYNAPEP bahagaritse yegereyegere

lundi 24 Ruheshi 2013

Abagize sendika STEB na SYNAPEP bahejeje guhagarika yegereyegere bari bamazemwo iminsi, aho bari batanguye kuja muri iyo yegereyegere igenekerezo rya 17 Ruheshi uyu mwaka turimwo, bakaba basavye abigisha ko bosubira ku mirimo kuva kuri uyu wa 25 Ruheshi kuva igihe c’isaha imwe n’igice.

Abarongoye ayo masendika bamenyesha ko bitavye akamo ko gusubira ku mirimo baravye ibikorwa vy’ukurera urwaruka biyemeje, baca bafata ingingo ko abana ataribo borwa mu mporera maze baca bafata ingingo yo gusubira ku mirimo naho Leta atakigoro yerekanye mu gutorera inyishu ivyo bayisaba. Ikindi naco, bipfuje kubandanya gushiraho icuka ciza hagati y’amasendika na Leta.

Abari muri izo sendika bahejeje kuvugana n’abarongoye amakomite muri ayo masendika, basavye abigisha bose gusubira ku mirimo kuva ejo aho bukera, bakamenyesha ko yegereyegere ibaye irahagarara ivy’imfatakibanza. Ayo masendika nyene amenyesha ibi bikurikira:

-  Biyemeje gukurikiranira hafi imishahara yabo, gushika baronke amafaranga bataronkejwe.
-  Hamwe Leta itokwerekana akigoro kayo, bariteguriye gukoresha ubundi buryo kugira batunganirizwe.
-  Barangiza basaba Leta ko itosubira gukoresha iterabwoba rikorerwa abigisha, ahubwo bagasaba Leta ko yokwitegurira ibiganiro hamwe n’ayo masendika kugira yerekane ko ifise ishaka ryo kubatunganiriza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.