IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Abarundi basabwa gufasha mu gukingira igisenge gikingira izuba

Abarundi basabwa gufasha mu gukingira igisenge gikingira izuba

mardi 16 Nyakanga 2014

Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira igisenge gikingira abantu imishwarara y’izuba ushitse mu gihe ico gisenge kibangamiwe na bimwe mu vyuka biva mu mahinguriro.

Umushikiranganji w’ibidukikije Jean Claude Nduwayo avuga ko atera akamo abantu bose gukingira igisenge gikingira izuba. Avuga ko abarundi baguma bahabwa inyigisho mu gukingira ibidukikije, ivyo navyo bigafasha ico gisenge kidahungabana, no kurwanya ivyo vyose bihungabanya ibidukikije. Uwo mushikiranganji akavuga ko umwizero umaze kuboneka uravye ibikorwa biriko birarangurwa ko ico gisenge kiriko kiramera neza, ndetse akavuga ko mu mwaka w’ 2050, ico gisenge gishobora kuzoba casubiye kumera neza nk’uko cari mu myka ya 1980.

Mukamenya ko uwo munsi mpuzamakungu wama uhimbazwa uko umwaka utashe, igenekerezo rya 16 Nyakanga. Mu Burundi, ibikorwa vy’uwo munsi bikaba vyateguwe n’ubushikiranganji bw’ugukingira ibidukikije.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.