IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rekura iyo NTAMA : Rumwe mu mvyino zasamirana ahariko haburanira (...)

Rekura iyo NTAMA : Rumwe mu mvyino zasamirana ahariko haburanira Mbonimpa

jeudi 17 Mukakaro 2014

Petero Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akanyororo yarengutse muri sentare isubiramwo imwo imanza mu gisagara ca Bujumbura.

Umushingwamanza Antoine Nzobandora

Abashingwamanza bamuburanira nawenyene ubwiwe, bose basaba ko yorekurwa akabandanya aburana y’idegemvya. Basabako amategeko yokwirikizwa co kimwe n’urwandiko rw’umushikiranganji w’ubutungane rusaba ko abapfunzwe bafise canke barenza imyaka 60 canke barwaye indwara zidakira botezurirwa. Umushingwamanza yaserukiye Reta wewe siko abibona, avugako ata myaka irekuriwe gukora icaha.

Imbere y’abacanza ba sentare isubiramwo imanza, n’umushingingwamanza yaserukiye Parquet ya Bujumbura, Mbonimpa n’abashingwamanza biwe basavye bashimitse iyo sentare kurekura P C Mbonimpa. Imvo zatumye bunguruza nk’uko zasiguwe, zishimangirwa n’abamuburanira, hanini n’uko imburano zabo za mbere zafashwe minenerwe na Sentare ya mbere. Zimwe n’uko impfungwa ry’uwo baburanira ridakwirikije amategeko. Bishimikije amwe mu mategeko yo mu gitabo mpanavyaha avugako umuntu afise canke arenza imyaka 60 canke arwaye indwara idakira, bakerekana ko Mbonimpa arenza imyaka 60 kandi bafise n’impapuro zerekana ko arwaye indwara idakira, niko gusaba ko yorekurwa.

Bamwe mu banyagihugu bavuga ko babeshewe na Mbonimpa

Ikindi bishimikije ababuranira Mbonimpa n’urwandiko rw’umushikiranganji w’ubutungane bita “Circulaire” rwo muri Ruhuhuma umwaka w’i 2014, rwasbako abapfunzwe bafise canke barenza imyaka 60 kandi barwaye indwara zidakira borekurwa bakabandanya baburana b’idegemvya. Abo baburanira Mbonimpa bavugako ico sentare cose yosaba kugira uwo baburanira y’idegemvye bogitanga.
Umushikirizamanza yaserukiye Parquet ya Mairie ya Bujumbura, yaburanye avugako ata myaka yo gukora icaha iriho kandi ko urwandiko rw’umushikiranganji “Circulaire” rwo muri Ruheshi 2014 rwari rufise ikiringo c’ukwezi kumwe, ko rero rutarekura abapfunzwe inyuma y’ico kiringo.

Yaba ababuranira Mbonimpa n’uwumuburanya bose bahawe umwanya wo gushikiriza imburano zabo, niko sentare gushira urubanza mu mw’iherero.
Nzobandora Antoine, umwe mu baburanira Mbonimpa avugako ashima uko bakiriwe muri sentare isubiramwo, vyabahaye icizere ko uwo baburanira agiye kurekurwa akabura y’idegemvya, ikindi bashima n’uko habaye akarusho kuko Mbonimpa atasubiye kuja kwitaba ari mw’ikamyo. Uno munsi yari mu modoka y’igiporisi bita “Double Cabine”.

Mwomenya ko bamwe mu baserukira ibihugu vyabo, abamenyeshamakuru bo mu mahanga, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, n’abanyagihugu isinzi bari baje kwumviriza urwo rubanza. ‘’Rekura iyo ntama’’ akaba arirwo ruririmbo rwaguma ruvyinwa n’abakunzi b’uyo mutama asanzwe aharanira agateka k’abapfunzwe n’akazina muntu. Amashirahamwe atandukanye akabandanya gusaba ko uyo mutama yorekurwa.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ahubwo iyo bavyina nti gumizayo iyo ntakare

  • URI NTUKAMAZINA KUKO NTUR’UMUNTU URI IGIPFA MUTIMA

  • Ndanezerewe konumviseko twese twemera ko Mbonimpa yabeshe, arinayompamvu abamuburanira basigayebishimikijegusa ko ashaje ngokandi arwaye, ariko namba abashaje nabarwaye botohanwa igihebakoze amakoaha bodureranya twebwe amakidundega bishimikije kobasigaje kubaho igihegito.

  • Ntabwenge ugira!urucira mukaso rugatwara Nyoko!

  • Jean nabandi musangiye ivyiyumviro bipfuye ntege abiri mbacire akagani.Habaye umutware yitwa Kaguba atanga itegeko ryuko bica abatama bose ariko umwe aranyegeza se kuko yumva ataho yohera.Haheze imisi abahigi biwe bica Ingwe acatanga itegeko ko bamwambika urusato rwayo rukiri rubisi.imisi iheze rumwumirako abura uko barumukurako mubo yari yizeye.Niko urondeza umukurambere arabura kuko baribarabishe bose.umwe yamunyegeza ararya umutima amenyo aramuzana.Niko kubabwira bakuzuza amazi mu Bwato bamuryamikamwo baraheza barumuhomorako.Akira ukwo.Uwufise amatwi yo kwumva niyumve

  • Ahubwo vyari kuba vyiza namba azi ko ivyo yashikirije atarivyo agasaba imbabazi nayahandi ko atofungwa kandi yoba yarakoze icaha ntasiguro bifise ngo nuko aafise imyaka 60 na charles Taylor wahoze ari president wa liberia nibaze yuko nawe nyene yoca arekukwa uwukoze ikosa nahanwe bataravye imyaka kuko ntamuntu numwe ari hejuru yamategeko turetse nino ndi muri chicago uhamwe nicaha urahanwa

  • WE bumwe,wewe namba udakomeye neza mumutwe,ngwa batama,bashaje,ko bashaje rero bace batumarisha dusubire gupfa nkugwabana binyoni????.abo nibo baguma bajuragiza igihugu ntigiterimbere,motif ngo barashaje,nomumugambwe wacu I prona nabo bazeeeee nyene batobisoko,ntubashaka kuvirira ubuyobozi ngo natwe turi mubigero vyokuyobora igihugu kugira tugishikane kumajambere arama,ntibavyunva.nahanwe hisunzwe amategeko!!!!.niho atazosubira gusara ashaje.kugira nabandi batama bageze mwugwo rugero agezemwo bamubonereko akarorero!!!!!!!.

  • Iciyumviro canje nicuko ivyodupfa bitazigerabibura ahubwo duharanire icodupfana mbegakuguma mumunyororo twungukiki? avuyeyotwungukiki? yotwibaza amazi inkwi amatara igitoro dutakaza ret’ihomba ibisigaye ntacovyariIciyumviro canje nicuko ivyodupfa bitazigerabibura ahubwo duharanire icodupfana mbegakuguma mumunyororo twungukiki? avuyeyotwungukiki? yotwibaza amazi inkwi amatara igitoro dutakaza ret’ihomba ibisigaye ntacovyariIciyumviro canje nicuko ivyodupfa bitazigerabibura ahubwo duharanire icodupfana mbegakuguma mumunyororo twungukiki? avuyeyotwungukiki? yotwibaza amazi inkwi amatara igitoro dutakaza ret’ihomba ibisigaye ntacovyariIciyumviro canje nicuko ivyodupfa bitazigerabibura ahubwo duharanire icodupfana mbegakuguma mumunyororo twungukiki? avuyeyotwungukiki? yotwibaza amazi inkwi amatara igitoro dutakaza ret’ihomba ibisigaye ntacovyariko

  • Komera Mutama,umuntu wese akwanka ndazi neza ko azokwandurako.Kuko aho bagucuranguza uko bashaka n’uko bazi neza y’uko ivyo wavuze ari ukuri kwigendera.Uwo mutega bariko batega nibatihanura ngo bawutegura ehe buca kabiri ubashibukane bo nyene.Mbe uwo Mutama wundi mbonye kw’iyo sanamu ni Rwasa Agathon nyakugirimana!?Abamwanka bazomwandurako!Irambire batama bacu,batama b’uburundi!Uburundi burarema iyo bubabona kukivi.

  • Intama imeze nk’ikijuju kuko uyikoresha ivyo ushaka vyose uyicishije mu mwanda irahaca iba imeze nk’imburambwenge, rero yemeye bamukoresha nk’ikijuju nabanze arye ku vyiza vya mpimba yumve

  • Harinabavuga amajambo kuko babuze ivyobavuga nuko babuze icobakoresha ama orodinatere yabo canke amasimu yabo ndababwiye igihugu c’uburundi ntamahoro kuko abantubakibayemwo babaye ibikoko nimurabe inzara irica igatongora abapfa bishwe bo ntibavugwa abafunzwe bo nigihugu cose none amahoro nayahe ahubwo icomwomenya mwese <<buraca bugana ayandi>>mwibuke ivyabaye muri libiya nahandi ntamunu numwe asumba Imana yomwijuru kandi iyomana nyene niyo izomuhana imumaramaze .murakoze

  • NONE GA YEMWE NKABO BAHUNGU BARIKO BAKORESHWA NA RETA YA ADORPHE , BUNYONI NA ONESIME BIYUMVIRA IKI AHO BOSHIMYE IMANA KO BATSITSE KW’ICUMU, BARONDERA AMAHERA BATABAHAYE MURI CONGO?
    REKA KWIYAMBIKA IBARA
    UTEYE IKIGONGWE NI PIERRE NKURUNZIZA ATAGIRA IJAMBO, IYO AKOROYE IVYO BIHANGANGE VYOSE BITI TURAGUKURAHO
    EWE PIERRE URAGOWE, PFUMA WIHEBA UVUGE IJAMBO RIMWE! EHE SHA GAHUTU YARAYAMAZE ATI:

    HAKUB’IMBWA WOBA IMVA

  • Felicitation kuwiyita NYINA (Mama). Usigaye wamenye kwandika. Komereza ngaho, akantu usigaye gukosora ni ukugira ivyiyumviro bitomoye gusa. N’ukuri nsigaye nsoma ivyo wandika ubu nkumva ndyohewe.

  • ari ko ninde atazi ko muri kongo hari IMBONERAKURE .ZITEGURA KUMARA ABANTU !!!!!
    MURUKARISHE RUZOBAMWA. YEZU ARATUBONA .AZODUTABARA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.