IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abayobewe ibibazo vy’ishure shingiro bahawe ayandi mahirwe

Abayobewe ibibazo vy’ishure shingiro bahawe ayandi mahirwe

dimanche 28 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bayobewe mu bibazo vya Reta biheruka gukorwa, bitanga uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro, bahawe uburenganzira bw’ukuzosubiramwo ivyo bibazo mu mwaka w’ishure uza w’2016-2017, batarinze gusubiramwo ivyigwa vy’umwaka wose. Abarabwa n’iyo ngingo ariko akaba ari abari bamenye mw’ishure, bakananirwa n’ico kibazo gusa.

Ubushikiranganji bujejwe inyigisho mu mashure mato mato n’ayisumbuye bumenyesha kandi ko abanyeshure batoye ivyo bibazo kandi mw’ishure bari bayobewe, abo bazokwunguruzwa mu mashure akurikira nk’abandi bose.

Ubwo bushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye bukaba buheruka gushira ahabona amanota yafatiweko ku banyeshure bo mu mwaka w’icenda n’uw’icumi bakoze ikibazo kibaha uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro.

Ku banyeshure bo mu mwaka w’icenda bakoze ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bw’ugutangura igice ca kabiri c’ishure shingiro, amanota yafatiweko ni 93 ku 200, akaba angana n’ibice 46,5 kw’ijana.

Ku banyeshure bo mu mwaka w’icumi, amanota yafatiweko ni 93 ku 345, akaba angana n’ibice 26,9 kw’ijana.


IGIHE

Messages

  • NIVYIZA!ARIKO HAZOBAHO#ORIONTATION?
    NIMBA IZOBAHO NINYARUTSE!
    MBE ABANYESHURE BOMUMWAKA W’ICENDA N’UWICUMI BAZOHABWA IBISATA BIMWE?

  • Ego Ivyo Ndavyumva. Abo Bana Bayobewe Ikibazo Ca Leta Baramenye Mw’ishure Barimwo Ubudasa, Ubu Mu Mwaka Wa 2015-2016 Babajijwe Ugutandukanye! None Nkuwo Mwana Wo Muw’icumi, Niyasubira Gukora Ikibazo Mu Mwaka Wa 2016-2017, Uwo Mwana Azotora Iki? Ivyigwa Vyo Muw’icenda Ntazi Na Kimwe! Azoja Gukora Ikibazo Ico Gihe Atore Iki? Mwemerere Basi Asubire Akurikirane Ivyigwa Uyu Mwaka! Ikindi Naco Abo Bana Baracari Bato Bemerere Basi Ababikunze Basubiremwo Rimwe Uyu Mwaka. Murakoze!

  • Ego Kuba Babikoz Ukwo Ni Vyiza.Ariko Umengo Aya Manuta Bafatiyeko Ni Make.Ukwo Nugutitura Inyigisho.

  • NI VYIZA ARIKO ABO BANA BAYOBEWE IKIBAZO CA LETA BARAMENYE MWISHURE! BARACARI BATO CANE, HAZOGERA GUKORA IKINDI KIBAZO IVYO BIZE BITAKIRI MU MUTWE! BEMERERE BASI BASIBIRE MW’ISHURE RIMWE GUSA! IYUMVIRE UMWANA WIMYAKA 13 CANKE 14 ! IYUMVIRE UMWANA YARARI MUW’ICUMI ATIZE BIMWE NUWO MUW’ICENDA AZOSUBIRAMWO IVYO ATIGEZE YIGA? VYUKURI OROSHA BADUBURE RIMWE GUSA KUKO NI BENSHI.

  • NI VYIZA ARIKO ABO BANA BAYOBEWE IKIBAZO CA LETA BARAMENYE MWISHURE! BARACARI BATO CANE, HAZOGERA GUKORA IKINDI KIBAZO IVYO BIZE BITAKIRI MU MUTWE! BEMERERE BASI BASIBIRE MW’ISHURE RIMWE GUSA! IYUMVIRE UMWANA WIMYAKA 13 CANKE 14 ! IYUMVIRE UMWANA YARARI MUW’ICUMI ATIZE BIMWE NUWO MUW’ICENDA AZOSUBIRAMWO IVYO ATIGEZE YIGA? VYUKURI OROSHA BADUBURE RIMWE GUSA KUKO NI BENSHI.

  • Ntibitahuritse nen bazaca biga gt?nikurya kwakaminuza bazosubira kurya?babandanije kwiga amashure akwirikira,

  • none ko babemerey kuzosubiramw,ndazi neza ko abananiwe cane nabari muw 10.none nibabaha basubiremw bazobabaza kuvyo bari barize?konzi ko programme ya 9eme itandukany niya 10eme.nabaza rero ko numwaka uza ikibazo kizob kubiri?

  • Ariko Hanyum Bazokoreshe Abamenye Mw Ishure Gusa Kugra Bareke Gusuzuguza Umwigisha.Umwaka Wose Umengo Amanuta Yiwe Ntaco Amaze

  • aho ndumva tugiye gukora ibiraka twebw turashomye

  • murakoze kuriyongingo mwafash imana ibahezagire muhore uko imwakayose ariko mwotunyarukiriza kwafisha orientation kubaros ayomahirw

  • Ni vyiza ko abatabitoye bahawe uburenganzira bwo gusubiramwo ibibazo mu mwaka uza.None abo bazokunguruzwa batamenye mw’ishure dossier yabo izojamwo bulletin non réussi?si nzi ko hari ico bakivuzeko, murakoze!

  • Ewe Burundi bwa nyaburunga!!! Kera baririmba ngo warapfunywe ntiwapfuy none ubu ni wara pfuye ntiwapfunywe!!!! Abo bose bariko bavuga ivyo bazi cank nukwijandajandira???? Umwaka wicumi ntukibaho. Uwamenye muri 9ème ikibazo ca leta aca asimbira muwicumi narimwe( 13ème). Non nkumwana yamenye ico kibazo mwishule atamenya yabona inzatsa muri 9ème azoba agiye kubitorera muwicumi narimw yasimvye uwicumi hahaha aba DD ubwenge bwabo buracuritse. Nizere ko aho atari umututsi gusa azoharwa numuhutu azoharwa. Non karashize ingani igihugu gitwarwe nibijuju congere kibemwo ibijuju hahaha ewe Mana ya basokuru dusenga tutabona garukira Uburundi. Nkabo bose bariko bavuga ko ari vyiza iciza kiri murivyo nikiwe? Nkumwana wa 12 azoca ataha muhira ngwakore iki!!!! Bavuga ngo uwanka agakura abaga umutavu non ari imitavu yabarundi CND FDD irayibaze ndakurahiye.

  • None umunyeshur ayobew yahora kw’ikay azogitora yahora kw’isuka?

  • None umunyeshur ayobew yahora kw’ikay azogitora yahora kw’isuka?

  • non kuk mutorb namb ari abo mushaka kwungurz kurarya mwafatiyek mukagabanyako ayand kugra aboba.yobewe nabobmuke

  • Kasa Mwagize Neza.Abanyeshure Bari Bihebuye Baba Abo Mu Wi 10 Nabo Muwi9.Mbere Nabo Mumwaka Wa 8 Bagomba Gucika Intege. Mugabo Ubu Baca Bagira Tmwete Kubera Babonye Abandi Bungurujwe.

  • Nukuri turashimye ariko nkatwe twari twiga 10è twokora iki?matière ya 10è iratandukanye niy 9è komwari muduhaye ayomahigwe mwari mukwiye kutureka tukadubura tukiga matière ya 9è ataruko mwoba mushatse ko tuyerera kand natwe suko twayobew tuvyipfuza vyabaye bwanke mugabo turasaba ntidutegeka murakoze.

  • Gusubiramwo ikibazo ca Reta birumvikana, ariko ku banyeshure basanzwe baramenye neza mw’ishure umwaka wose, ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye, nibubabwire amanota bwofatirako mu gifaransa, icongereza, ibiharuro, biologie, chimie, physique kuri bulletin y’umwaka wose, kugira uwuyafise aheze atonde n’icemezo c’ishure akukira, hanyuma bumuhe urukaratasi rumwemerera kubandanya ishure co kimwe n’abatsinze ikibazo ca Reta, aha ndavuga kubahejeje uw’icumi kuko nibo bigora na cane cane. Kumbure hazoshika umwaka uza babitoreye inyishu kuri bose.

  • Twaritubabayecane Kuberavyaribiduciye Intege Mbenogiyeheee

  • None kubatashoboye gukora bivuye kumvo zitabavavuyeko.nkukugwara.yakwiga mumwaka wicumi mutegekanya ik,kurabo bantu?

  • ahabwo aba cndd_fdd barakayongera ubutegetsi pe!!!!!ariko sinzi ko umwaka uzohera twicaye?cange tuzoja munyuga? twizere imana yonyene.

  • niba batabemereye kudubura ntaki ntu babafashije kuko mugihe bibananiye bari kuntebe yishure ntibazo bitora bavuye muhira ahubwo nibihangane kuko nabagiye kubandanya ayo baziga ntaco azo ba marira mugihe bazoyiga ntibabone impamya bushobozi

  • Noneko Bavugako Bazotanga Ama Certificat Kubananiwe,bazoyakoreshki?Abo Bahawe Uburenganzira Bwo Kuzosubiramwo Nabo,jewe Ndabonako Batazokworohegwa.Kuko Ntakuntu Woba Umaze Umwaka Muhira Hanyuma Nguze Gukora Ikibazo!

  • none ababuze amanot yikibazo ca reta bafise amanota yo mwishur bazogenda mu mashure yabigenga

  • ABAYOBEWE MWOBAREKA BAGASABA KUMAPRIVE ABAYOBEWE MWOBAREKA BAGASABA KUMAPRIVE ?

  • Bazokora Ikibazo Batize?Mbehoh Nabomuwicenda? Na Nabomuwicumi?

  • Iyo ngingo n’iy’ukur.

  • Iyo nging iratungany. nti bizoboroher kugitor bahor muhir arik knd nta yand mahitamwo. iyo babahagarikira ngaho nah nti vyar vyiz. ko babahay ayo mahirw rer,nti bayapfish ubus.

  • uwumwaka abanyeshure bomuri ecofo bazoyambara amabutura?

  • ivy vyari vyiza na cane can Leta arumuvyeyi.ntiyoreka abana bayo ngo bagende akagirire.ark mfis amakenga:mbese biroroshe hoho gutora ikibazo haheze amezi atari make atariko ariga?ivyo mugisagara nabandi bamenye akamaro k’ishure vyokunda.muga mumisozi biragye na mwaburya batwagwa nisuka!yaba vyokunda,bosubiyemwo umwaka bigana nabandi!"Anicetus"

  • Leta Numuvyeyi Ntiyoreka Ibibondo Vyayo Ngo Bigende Akagirire

  • none kubananiwe mwishur bakameny muri concours bob bizogend gut nibabarekurire ama prive bobo nuko babashirirako ayo mwishure bame bagir urwaruk rwejo nkuko birababaj kwel nibatubwir ingingo nyamukur kurivyo

  • mbega fondamantare KO vyibonekeje ko yamenye gusumba licyee ’ ntimwoba mwatanze ivyoroshe kuriyo kugira babandi babatyoza ngo. murononye amashure baboneko arisawa?

  • aho mwagize neza kabisa turabashimira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.